B-NP Magazine

Yitavye inama y’akarere ku ngorane ya RD Congo

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye yafashe urugendo rumushikana i Nairobi muri Kenya. Yitavye inama y’abakuru b’ibihugu bigize akarere ka Afrika y’ubuseruko. Baja kwiga ikibazo c’umutekano muke urangwa mu buseruko bwa RD Congo.

Iyo nama yatumweko na Uhuru Kenyatta aramutswa Kenya n’umuryango wa Afrika y’ubuseruko. Mu ndwi iheze, uyu mutegetsi yari yasohoye itangazo aho yamenyesha ko atewe umutima uhagaze n’intambara imaze imisi ihuza igisirikare ca RD Congo n’umuhari M23. Uwu muhari ukaba maze no kwigarurira agace ka bunagana.

Mu vyo abakuru b’ibihugu bigize akarere baja kwihwereza i Nairobi, harimwo ikijanye n’umugambi uriko urategurwa wo kurungika inteko z’akarere muri RD Congo. Iyi nama ije imbere ikurikira iyindi yabereye muri Kenya nyene kuri uwu w’imana, yahuje abarongoye ibisirikare vyo mu bihugu vy’akarere. Kw’igenekerezo rya 7 ruheshi, abo barongoye ibisirikare bari bahuriye kandi mu nama ya mbere i Goma kugira bashireho umushinge w’uwo mugambi.

Reta ya RD Congo yagiriza Urwanda ko ari rwo rufasha M23 ariko Urwanda ruvyamirira kure. Mu ndwi iheze, ku mupaka ivyo bihugu bisangiye, mu karere ka Goma, hagiye haduka umudugararo n’imyiyerekano kubera agashavu k’abanyekongo. Hari n’abahasize ubuzima ku mpande zompi.

Bamwe mu bahinga bafise ubwoba ko umutekano muke urangwa muri RD Congo ushobora gutandukira akarere ka Afrika y’ubuseruko kose. Ni mu gihe ico gihugu ata n’umwaka kiramara cemerewe kwinjira muri uwo muryango.




Leave a Reply

Your email address will not be published.

Open chat