B-NP Magazine

Yarashwe n’umupolisi

Umunyagihugu agendesha imodoka yo mu bwoko bwa Probox yarshwe muri iki gitondo mu gisagara ca Bujumbura. Abanyagihugu babibonye bavuga ko yarashwe n’umupolisi.

Nk’uko abari bahari babibwiye BNP Magazine, nyakwigendera yari atondeye igitoro kuri Station iri kw’ibarabara Boulevard de l’Uprona. Imodoka yiwe igenze igeze imbere y’inzu yo kuziganya « Hauge Family Microfinance » (uruhande rw’ibarabara rurabana na T 2000), umupolisi aharaririye yoba yamusavye gukuraho imodoka.

Baciye batangura gushwana. Induru iba induru. Mu nyuma, boba bameze nk’abagomba kurwana. Umupolisi yiciye yikora ku nkoho yiwe maze yatsa umuriro. Yarashe nyakwigendera mu rubavu, uyu nawe aca yitaba Imana buno nyene. Uwo mupolisi yoba yaciye atungwa n’ayo yameze. Igihe twahashika, inkoho yiwe yari ifiswe n’uwundi mupolisi.

Mu nzego z’umutekano bamenyesha ko uwo mupolisi yamaze gutabwa muri yompi.




Leave a Reply

Your email address will not be published.

Open chat