B-NP Magazine

Wikendi iratanguye ku mota

Ikibikumenyesha ubona abagore n’abakobwa basekeranira mu bibanza bitunganirizwamwo inzara n’imishatsi. Bamwe bavuga ko baba bariko bitegurira imanza zo ku musi wa gatandatu. Abandi na bo bakemeza ko kuba ari ukwishariza gusa. BNP Magazine yagendeye kuri uwu wa gatanu aho bita « Le Parisien », mu gisagara ca Bujumbura.

Kuva imbere y’umutaga, wasanga abakobwa n’abagore bariko baracanako muri ico kibanza. Hari imisore imisore itonze ku murongo umwe wese afise agatebe n’akameza imbere yiwe. Haba hariko utwo kwisiga twitwa « vernis » dufise amaraba y’ubwoko bwose hamwe n’ibindi bikoresho. Umukiriya ni we yihitiramwo iyo ashaka kwisiga.

Yvette Kwizera twahamusanze ariko arisigisha. Yatubwiye igituma ariko aragira atyo : « Imanza ni nyinshi! Murumva ko umuntu aca atangura kwisuganya hakiri kare. Akanya ko ku wa gatanu ni ko keza kuko ku musi wa gatandatu abantu baba ri benshi cane. Uragenda ugatonda ukavayo utanashikiriwe ». Ikindi kimutuma yisigisha umusi umwe imbere y’uko urubanza ruba, ni uko bimufasha kudacereza umugabo wiwe.

Gusigisha ku ntoke uriha amafaranga ibihumbi cumi. Ushizeko inzara zo ku maguru acaba ibihumbi 15. Uwukeneye ko bamwoza ku birenge aca yongerako ibindi bihumbi 10.

Jeanne Mugisha ni uwundi twavugishije. Avuga ko ku mus iwa gatanu yisigisha inzara n’aho yoba adafise urubanza. Ati: « Sinkunda inzara zidasize. Na cheri wanje tuvyumva kumwe. Ni na we ampa amahera yo kubikoresha. Week-end umukobwa abwirizwa kuba asa neza ». Ariko aramwenyura, yongeyeko ati : « Iyo umugabo wanje ambonye ntasigishije inzara aca atera andungikayo ».

Claude Muhimpundu akora akazi ko gusiga. Yatubwiye ko wikendi igeze akazi kaba kubutse. Kandi kaba ari kenshi. Baguma bacanacanako. « Nukuri aka kazi ntikoroshe ariko karimwo amahera ».

Uwo musore yemeza ko iyo ugakunze kakagukundira uter’imbere ugaheza ugateza imbere n’abandi. Avuga ko yatanguye agakora ari umwe ariko ubu basigaye ari 5. Bisobanuye ko yashoboye guha akazi abagenzi.




Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *