B-NP Magazine

“Vyogorana kugisanura imvura itasuye bataragiheza!”

Haraciye amezi atari make hatanguye ibikorwa vyo gusanura ikiraro kiri ku ruzi Muha rugabura komine Muha na Mukaza, ziri mu gisagara ca Bujumbura. Ico kiraro kiri kw’ibarabara benshi bakunze kwita “Avenue du Large”. Ariko rero, ivyo bikorwa biza biracikagurika. Abakoresha ico kiraro bavuga ko kidahejeje gukorwa mu ci vyogorana ko kibandanya gisanurwa mu gihe c’imvura.

Ugishika kuri ico kiraro, urabona ko kigeze aho umwansi ashaka. Na cane cane ku ruhande rwa co ruherereye amaja hepfo. Inkombe zirukikuje zarasambutse, ku buryo uruhande runini rwico kiraro rusigaye ruri mu kirere. Umwanya n’umwanya bishobora gutibukira mu ruzi ata gikozwe mu maguru masha.

Bamwe mu bagicishako imiduga bahashitse baca bagabanya umuvuduko uko bishoboka kwose. Baca bibanda ku ruhande rwa ruguru, aho ico kiraro gisa n’ikigikomeye na bukebuke. Ku ruhande rumwe rw’ico kiraro, hararunze imigwi y’amabuye hamwe n’urucekeri. Ubiravye urabona ko bihamaze igihe kitari gito. Utereje akajisho hepfo mu ruzi, hariyo ibivu vyinshi birundarunze. Na vyo nyene birahamaze igihe.

Umwe mu barangurira imirimo hampande y’ahari ico kiraro yayagiye BNP Magazine ati : « Haraciye nk’indwi nka zibiri ataco tubona gikorerwa aha. Mu bisanzwe kuva mu kwa kane ni ho twatanguye kubona bazana amwe muri ayo mabuye mubona. Ariko kuva ico gihe ibikorwa twama tubona bigenda nabinabi.”

Uwo munyagihugu yasiguye ko yihweje ingene urwo ruzi rucamwo amazi menshi iyo imvura iguye, ku bwiwe ngo “bene gukora ico kiraro abona bogiheza imbere y’uko imvura itasura”. Asigura ko bitabaye uko, imvura imaze gutasura urwo ruzi ruca rucamwo amazi menshi, ku buryo rwoshobora kuza rurabomora ivyo boba bariko barakora.

BNP Magazine yagerageje kuvugana n’abo mu rwego rujejwe inyubako z’amabarabara mu Burundi (ARB), ariko ntivyashobotse.

 

 




Leave a Reply

Your email address will not be published.