B-NP Magazine

Urwaruka rufise ingabirano yo kuririmba rugiye gushigikirwa

Ihiganwa Nanje Ndaririmba” riha urwaruka rwipfuza gutangura umwuga wo kuririmba akaryo ko kuvyiga biciye mu guhiganwa, rigiye kuba ku ncuro ya ryo ya kabiri. Vyatangarijwe mu kiganiro catunganijwe n’ishirahamwe “Isanamu Media » riri kumwe n’ikigo gitunganya umuziki “BantuBwoy Entertainment » kuri uwu wa gatanu.

Amédée Habimana arongoye iryo higanwa yamenyesheje ko imvo nyamukuru yatumye Isanamu Media ryiyumvira ivy’uwo mugammbi ari ugufata mu mugongo urwaruka rufise Ingabire yo kuririmba ariko rukabura uburyo. Avuga  ko iyandikwa ryatanguye ku wa 06 ruheshi, rikaba ryarangiye kuri uwu wa 22 ruheshi. Urwaruka rwose rufise imyaka 18 kuduga, ariko rukaba rutaratangura kuririmba ni rwo rwiyandikisha gusa.

Yasiguye kandi ko ubushimwe bushimishije butegekanijwe: “Mu bazoba biyandikishije, tuzosigarana batatu bazosumvya abandi. Uwa mbere azohabwa imiriyoni 2 z’amarundi yongere akorerwe indirimbo 5, uwa kabiri umuriyoni n’ibihumbi amajana abiri, uwa nyuma ibihumbi 800.” Yibukije ko abazoramuka batsindiye ubwo bushimwe basabwa gukoresha ayo mahera ibikorwa bijanye n’umuziki gusa.

Iyo mpanuro ni yo nyene Andy Mwag, umwe mu baririmvyi bari muri Jury yahanuye abazotsindira ubwo bushimwe. Yagize ati : “ Twipfuza ko aboronka ubwo bushimwe bobukoresha neza. Turamaze kubona ko iyo habaye amahiganwa mwene aya hariho abatsinda bagaca bakoresha ako gashimwe ico katagenewe. Ivyo biri mu bisubiza inyuma umuziki.”

Uwu mwaka, iryo higanwa rigeze ku ncuro ya ryo ya kabiri. Big Fizzo, Andy Mwag, Linah Blanche na Esther Nish ni bo bazoba bari mu rwego ruzokwigisha abazoba bacaguwe inyuma yo kwiyandikisha. Ni na bo bazoba bajejwe gucagura abarushije abandi. Iri higanwa rifashwe mu mugongo na AFRICALIA hamwe n’ishirahamwe ry’ibihugu vya Buraya mu Burundi.




Leave a Reply

Your email address will not be published.