B-NP Magazine

Umwaka w’ishure w’2022 ushira uw’2023 watanguye ukuri kwamye

Kuri uwu wa 12 Nyakanga, ni ho mu gihugu cose hatangura umwaka w’ishure w’2022 ushira uw’2023. Ku mashure yose aho BNP Magazine yaciye, abanyeshure bari batonze. Ariko rero, ku mashure atari make ngo biteze ibitigiri vyinshi vy’abanyeshure ku buryo ibirasi hamwe n’intebe bidashobora kubakwira.

Kw’ishure “Mammi” riri hagati mu gisagara ca Bujumbura muri komine Mukaza, abanyeshure bari batonze nka bose. N’abarezi ntibari batanzwe. Bari batonze ku bwishi, bakaba bayagiye BNP Magazine ko babikoze uko kuko “ikivi ari ica kare”. Nestor Masabarakiza ni umwe muri bo. Amaze imyaka  12 ari ho yigisha. Yagize ati: “ Turahimbawe n’uko abana batonze nka bose. Natwe nk’abarezi, icipfuzo cacu kwama ari ukubaronsa ubumenyi mu buryo bwose bushoboka. Yagize ati “ Hariho igihe ushobora gutanga ubumenyi ukabona ko abana batabitahuye neza. Uwu mwaka twiteguriye gukoresha ubuhinga bwose dufise kugira barushirize gutahura ivyo tubigisha.”

No muri komine Muha, ku mashure atandukanye abanyeshure bari batonze. Ariko rero, hoho vyaboneka ko ku mashure ata banyeshure benshi bari bahari. Bamwe mu bo twaganiriye basiguye vyatewe n’akageso abanyeshure basanganywe ko “kubanza kwiyongera imisi mikeyi y’uburuhuko”. Ku rundi ruhande, bamwe mu banyeshure baganiriye na BNP Magazine batanze iyindi mpamvu. Bavuze ko hariho bagenzi babo basivye ku mashure kubera ejo hiriwe haravurwa ivy’uko uyu musi woba ari uw’akaruhuko, bivanye n’uko ari ho haramutse haba amatora y’abahuza bo ku mitumba n’amakaritiye  vyose bigize igihugu c’Uburundi. Ntivyahavuye ngo bibe vyo.

Ikindi kandi, naho umwaka w’ishure watanguye, haracari bimwe mu bibazo bihanze amashure. Bimwe muri vyo ni ubukene bw’intebe, hamwe n’ibitigiri birenze urugero mu mashure. Nk’akarorero, kuri Lycée Municipal Kibenga, abarezi baho babona ko bizogorana kwakira abanyeshure hafi 140 mu kirasi kimwe. Ni mu gihe ari bo bamaze kumenyekana ko bazoja mu gisata c’ubuhinga kiri kuri iryo shure, mu mwaka w’11. Ngo bipfuza ko bokongerwa ibindi birasi n’abandi bigisha, kugira barangure imirimo yabo borohewe.

Ku rwego ry’igihugu, ibirori vyo gutanguza uwu mwaka w’ishure biriko bibera mu ntara ya Kayanza. Biza kuba bihagarariwe na Pr. Francois Havyarimana, umushikiranganji w’indero. Mu gatondo ko kuri uwu wa 12 nyakanga, Evariste Ndayishimiye, umukuru w’igihugu c’Uburundi, na we nyene yazindutse aripfuriza umwaka w’ishure mwiza abarezi hamwe n’abarerwa. Yagize ati : “Uyu musi abana b’Uburundi baramutse batangura umwaka w’ishure mushasha, ndabipfurije amagara meza, ubwitonzi n’ubwira kugira ngo bige bamenya kuko ari bo kazoza k’igihugu cacu.” Yaciye aboneraho akaryo ko gusabira abigisha-barezi gukomera kw’ibanga ridasanzwe bafise ryo kurerera Uburundi.

 

 




Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *