B-NP Magazine

Umunezero ni wose ku bakunzi b’akanyama

Amasoko atandukanye yo mu gisagara ca Bujumbura yasubiriye kwanda inyama kuri uwu wa gatatu. Ni mu gihe hari haheze hafi amezi abiri zitaboneka. Imvo yari uko ata nka, impene canke intama vyari bikibagwa mu Burundi bwose. Abayangayanga, abaguzi,eka n’abari baje kwirabira ko vy’ukuri ako kaboga kasubiye kuboneka bari bakubise haruzura kw’isoko rya « Cotebu ». Ni rimwe mu masoko yo mu gisagara ca Bujumbura BNP-Magazine yagendeye

Hari isaha zitanu zo mu gatondo. Uruja n’uruza rw’abantu ni rwo rwahabarizwa. Bose barondera inyama. Yari imbonekarimwe. Ariko si bo, ukwezi kurenga kwari gukunkumutse Reta y’Uburundi yarahagaritse ibagwa ry’ibitungwa nk’inka, impene hamwe n’intama kubera zatewe n’ikiza (Fièvre de la vallée du Rift). Uwu musi rero, haba abayangayanga, haba n’abakunzi b’akaboga imitima yari mu kirere kubera umunezero. Bamwe kubera akazi kasubiye kuboneka abandi na bo ko basubiye kugakubita ijisho. N’aho biri uko nta nyinshi zariho.

Pierre Barandaje ni umukuru w’abayangayanga bo muri iryo soko. Yabwiye BNP-Magazine ko ashima cane ingingo yo gusubira kubaga ibitungwa. Ati « Uwu musi twari tuwurindiranye igishika. Twari tumaze imisi dushomereye ». Avuga ko iyi ntango ibahaye icizere ko basubiye mu kazi. Yongera avuga ko uwu musi bari biteze kuronka inka nk’izo bahora baronka ariko si ko vyagenze. Ku bw’iwe, vyatewe n’uko amasoko y’inka atari bwatangure kurema. Ikindi na co, ibiciro vyaciye biduga. Cangacanga yahora ku bihumbi 11 vy’amarundi ku kiro yagiye ku bihumbi 15. Nayo umusoso wahora ku bihumbi 14 uwu musi bawugurisha ibihumbi 17. Barandaje asigura ko vyatewe n’uko na bo aho bazirangurira badugije ibihumbi bitatu.

Mu mwanya twari ko turavugana yari ahejeje kuronka inkuru imubwira ko isoko rya Ngozi ryaremye. Kuri vyo, ngo arizeye ko aho bukera bazoronka igitigiri kinini gisumba ico baronse uwu musi c’inka zibagwa. Uwo muyangayanga asigura ko mu bisanzwe bahora baronka inka 20 ku musi badandaza. Ariko uwu musi si ko vyagenze. Habonetse zitatu gusa. Abakiriya ntibashoboye gukwirwa bose. Ngo bagiye barabaha uko bakwirikiranye mu gushika. Hari abaronse n’ababuze.

Antoine Havyarimana ni umwe mu bashoboye kuronka. Asanzwe afise akabare mu Kinama muri komine Ntahangwa. Avuga ko yazindutse cane gose. Isaha cumi n’imwe zo mu gatondo yari ahageze. Ati « Bazishikanye isaha zine. Abazizanye baje ndababona. Sinarikubura. Abakiriya banje nari naraye ndabemereye ko uwu musi nza kuba mfise « brochette » y’inka.» Uwo mudandaza yavuga ko naho ataronse ibiro yari yipfuza anezerewe ko uwu musi ahava adandaza cane. Asigura ko yari amaze imisi acumbagiza.

Nayo Aïcha Munezero ni umwe mu bari bakirindiriye. Wewe yari yihebuye. Avuga ko yamaze kubona ko ahava ataha zirayoye. « Uravye abari mbere yanje uko bangana n’inyama mbona zisigaye mpava ntaronka. » Ariko n’aho biri uko avuga ko aguma arindiriye gushika yibonere neza ko ata gisigaye. « Aho bigeze naho bompa izo mu nda ndatwara. Ariko numve ko ndiye inyama uwu musi ».

Tubibutse ko ibikorwa vyogusubira kubaga ibitungwa inka, impene n’intama vyasubiriye gutangura uwu musi italiki 3 Myandagaro inyuma y’ukwezi kurenga vyari vyarahagaritswe.




Leave a Reply

Your email address will not be published.