B-NP Magazine

Ukwikukira : Kuja mu mashure vyari vyifashe gute ku ntwaro y’abazungu ?

Amashure yatangujwe n’abazungu b’abapatiri. Abavyeyi barahimirizwa kurungika abana mu mashure. Abahigitanije bagakubitwa ikimoko. Hari amashure y’abakobwa n’ay’abahungu.  Patiri Ntabona Adrien, umukukuruke w’imyaka 82, aratubwira ingene kuja mw’ishure vyari vyifashe ku ntwaro ya gikoroni.

Ishure rya mbere ryatangujwe n’umuzungu yitwa Bonja i Muramvya (Ecole Officielle de Muramvya), mu mwaka 1923. Nk’uko Patiri Ntabona abivuga, ryigamwo abana b’abatware n’abaganwa bari bishoboye ico gihe. Biga cane cane guharura no gusoma, kwandika n’imico y’igikoroni. Haca havamwo abaganwa b’ikaramu canke abatware b’ikaramu. Ni kuvuga bazi kwandika. Bagereranywa n’abaganwa b’inda y’ingoma. Amenyesha ko muri ico gihe nyene, aho abapatiri bashinze paruwase baca bahashinga n’amashure matoya. N’abapasitori ngo babikora uko nyene. Amashure matomato aca atangura kurwira.

Abavyeyi barahimirizwa kurungika abana ku mashure, na cane cane abakobwa. Abo barakumirwa cane. Abavyeyi bahigitanije bagakubitwa ikimoko. Babaretse ngo bige amashure mato mato naho, barabankira kubandanya mu yisumbuye bitwaza ngo nta mashure y’abakobwa. Ariko hari abavyeyi babarekura. Abo na bo barungikwa ku mashure y’abakobwa.

Abana biga kugeza mu mwaka wa gatanu. Mu nyuma hakorwa ikibazo ca père Féron (examen national y’ubu). Féron yari umupatiri ashinzwe amashure yose yo mu Burundi. Ni we yatanga ikibazo, abakimenye bungururizwa mu mashure yisumbuye.

Amashure yari akiri make

Patiri Ntabona, yitangako akarorero : « Jewe ncinjira mu mashure yisumbuye hari mu 1953. Nashobora gutora iseminari ntoya y’i Mugera (yatanguye mu mwaka w’i 1926) canke ishure nderabigisha y’i Gitega (yatanguye mu mwaka w’i 1940). Biga imyaka ine bitegurira kwigisha hakiyongerako n’umwaka wo kwitegura (stage). Abakobwa barungikwa mw’ishure nderabigisha ryo mu Bukeye (yatanguye 1941). Ntayandi mashure yariho. Mu nyuma, amashure yagiye arongerezwa bukebuke. EAP (Ecole d’Apprentissage Pédagogique) mu Rusengo (Ngozi), Rumeza (Bururi), Gisanze (Muyinga) na Kanyinya (Kirundo). Ayandi yubatswe inyuma yo kwikukira.

Abarangije iseminari y’i Mugera na college inter-racial de Bujumbura (yahuza abazungu n’abirabura, campus kiriri) barashobora kurungikwa muri kaminuza. Abize Groupe Scolaire d’Astrida (Rwanda)  bakurikirana uburimyi, ubuganga, intwaro no kuvura ibitungwa. Basohoka bari ku rugero rwa école technique supérieure. Aba barungikwa kubandaniriza muri kaminuza z’i Buraya.

Patiri Ntabona amenyesha ko uburundi bwikukiye ata muntu yize kaminuza bufise. Abarundi bambere batanguriye muri kaminuza Lovanium y’i Kisandu muri Congo (RDC). Iyo nayo yatanguye 1954 bugingo kaminuza y’Uburundi yatanguye 1964.




Leave a Reply

Your email address will not be published.