B-NP Magazine

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati bwaranguye ivyo bwategerezwa ku bice 90%!

 Impunzi 30 356 zatahukanywe, amalitiro 9217 y’inzoga zitemewe n’amategeko zasheshwe, ibiti vy’urumogi  159 vyaranduwe, abantu 1143 bahagaritswe kuko bagirizwa ivyaha, ama dosiye 22 270 ubwo bushikiranganji bwahaye ubutungane, biri mu bintu nyamukuru bwaranguye mu kiringo kiri hagati ya mukakaro 2021 na ruheshi 2022.

 Gervais Ndirakobuca, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n’iterambere rusangi yabishikirije kuri uwu wa 25 mukakaro. Ni mu gihe yari aramutse ashira ahabona ivyo ubwo bushikiranganji arongoye bwaranguye muri uwu mwaka uheze. Ndirakobuca yamenyesheje kandi ko muri ico kiringo nyene, imirwi 37 y’inkozi z’ikibi yasambuwe. Ngo harabonetse kandi inyamiramabi 12 zahagaritswe, kubera zigenjeje nabi mu buryo butandukanye mu mirimo zari zijejwe.

Mu bindi vyaranguwe, uwo mushikiranganji yagarutse ahanini ku bijanye n’igisata co kwegereza intwaro abenegihugu n’iterambere mu kibano. Muri uwo muce, yasiguye ko ubushikiranganji ajejwe bwahaye uburyo bungana imiriyoni 182 imigambi mitomito yo kwiteza imbere igera ku 5807. Yasiguye ko n’abarwizatunga batobato bo ku mitumba batibagiwe. Abashika 7445 bararonkejwe ayashika 541 850 000. Hampande y’ivyo, haragiye haratunganywa amanama ku nzego zitandukanye muri ubwo bushikiranganji mu ntumbero gukarihirizanya ubwenge.

Uwu mwaka ho hazoshimikirwa ku kuki?

 Uwu mwaka ugiye gutangura, Ndirakobuca yasiguye ko ubushikiranganji ajejwe buzoshimikira cane ku kwitaho ukubaho neza kw’abanyagihugu be no mu kurwiza ibikorwa vy’iterambere rusangi. Ivyo rero ngo bizoca bituma abenegihugu bakora imirimo yabo ata nkomanzi. Aha yaciye atanga nk’akarorero vya vyuma bifasha abagendesha imiduga mu mabarabara, ko bizotuma biyubara maze bigatuma amasanganya agabanuka mu mabarabara.

Mu yindi migambi umushikiranganji yavuze ko izoshimikwako harimwo guha uburyo no gukurikirana uko amakoperative akora. Hazoba kandi kugerageza guhungura impunzi  ku bushake bwazo, hamwe no kurwiza uburyo reta ikoresha mu gutoza amatagisi y’amakomine.




Leave a Reply

Your email address will not be published.