B-NP Magazine

Uburundi bwibutse ku ncuro ya 28 imyaka iheze prezida Sipiriyano Ntaryamira asandavye

Kuri uwu wa 6 Ndamukiza, abarundi bibutse ku ncuro ya 28 urupfu rwa Sipiriyano Ntaryamira yahoze arongoye igihugu. « Discpline » mu bisata bitandukanye vy’igihugu ni co benshi bamwibukirako.

Uwo mukuru w’igihugu yahitanwe n’isanganya ry’indege igenekerezo rya 6 Ndamukiza 1994 ari kumwe na mugenzi we w’Urwanda Juvenal Habyarimana muri ico gihugu nyene. Ibirori vyo kumwibuka vyo kuri uwu wa 06 ndamukiza vyatewe iteka n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye n’umutambukanyi wiwe. Abategetsi batandukanye barongoye inzego nkuru z’igihugu n’abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi bari bitavye urwo rubanza.

Umukuru w’igihugu n’umutambukanyi wiwe ni bo batanguye gushira urugori rw’amashurwe ku ntatemwa ya Sipiriyano Ntaryamira. Hakurikiye abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, imiryango yabuze hamwe n’abarongoye imigambwe yemewe n’amategeko.

Amajambo ntibagirwa uwo mutegetsi yasigiye abarundi ashimikiye ku ndero « discipline », ubumwe n’umutekano

Ni igiki Abarundi bibukira kuri prezida Sipiriyano Ntaryamira ?

Munezero Anne Lyse ni umukenyezi w’imyaka 35. Ngo naho yari akiri umwana igihe Ntaryamira yatwara Uburundi, ngo aribuka ko ijambo « discpline » mu bisata bitandukanye vy’igihugu ari ryo ryamuranga. Munobera Gaspard we, umutama w’imyaka hafi 70, ati biragoye kuvuga neza uko intwaro ya Prezida Ntaryamira yagenze kubera yashengeye atwaye umwanya muto : amezi abiri.

Sylvestre Ntibantunganya, yigeze kurongora Uburundi akaba yaranagendanye n’umuhisi yibuka Sipiriyano Ntaryamira « nk’umutegetsi yashira imbere ineza y’umunyagihugu mutomuto ». Ngo ivyo ni vyo vyatumye agenda arazezwa amabanga meshi na cane cane mu gisata c’uburimyi, gushika n’aho ateba akaba umukuru w’igihugu.

Igihe Prezida Ntaryamira asandaba yari afise imyaka 39. Yahitanwe n’isanganya ry’indege ryabereye i Kigali mu gihugu c’Urwanda. Muri iyo ndege yari kumwe n’umukuru w’ico gihugu, Juvenal Habyarimana.Yari kumwe kandi  n’abari bamuherekeje Siriyako Simbizi na Ciza Berenarudo,bose bakaba bari abashikiranganji muri Reta yiwe.

 




Leave a Reply

Your email address will not be published.

Open chat