B-NP Magazine

Uburongonzi bwa komine Mukaza buratungwa urutoke

 

 

Mu nama umushikiranganji wa mbere, Gervais Ndirakobuca, yagirishije  abanyagisagara, yasavye abatware bose kuba abavyeyi b’abo barongoye. Yamara ubwo buvyeyi abanyamukaza siko babubona. Mu bibazo bashikirije, ahanini batunze urutoke uburongozi bwa komine Mukaza. Ndirakobuca yaciye asaba ko uwurongoye karitiye Mutanga sud abogozwa.

 

 Abagize inama mpanuzwajambo ya komine Mukaza bari bitavye ikiganiro nka bose bashikirije ko musitanteri wa komine mukaza, Rénovat Sindayihebura, abakumira mu gufata ingingo zimwe zimwe. Umwe muri bo yashikirije ko hari n’aho bishika uwo mutegetsi agakura uwurongoye karitiye batagishijwe inama. Yerekanye kandi ko Sindayihebura yunze ubucuti n’uwurongoye karitiye mutanga sud, Pierre Nimbona. Uwu na we akaba yagirizwa n’abanyagihugu ko abakorera amakosa menshi. Mbere ngo yaraharitse n’uwo bubakanye mu mategeko.

Turetse abajenama ba komine mukaza, n’abikorera utwabo batunze agatoke uwurongoye komine Mukaza. Akarorero ni Jonas Manirakiza arongoye koperative sangwe ya 2 yo mw’i Jabe. Yavuze ko Sindayihebura amugeramiye mu bikorwa vyiwe. Ngo ntatahura ukuntu musitanteri yivanga mw’itunganywa ry’amakoperative kandi hariho urwego rujejwe kuyakurikirana.

Kuri ico kibazo umushikiranganji wa mbere yaciye asaba umukuru w’igisagara ca Bujumbura gufata mu ntoke  ikibazo cerekeye izo ndyane. Ngo kanatsinda nta wujejwe intwaro yinjira mu bijanye n’amakoperative. Ku vyerekeye ibibazo vy’abanyagihugu bo ku mutanga sud badatunganirizwa neza n’uwurongoye iyo karitiye, Ndirakobuca ntarya umunwa. Yumvirije ibirego vyabo yaciye asaba ko Pierre Nimbona ayirongoye ahagarikwa mu mabanga.

Tubibutse ko izi nama ziri mu rukurikirane rw’izo umushikiranganji ariko aragira mu ntara zitandukanye zigize igihugu.




Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *