B-NP Magazine

“Ubu turaryama tugasinzira”

Abanyagihugu baba ku nkegera z’ikiyaga Tanganyika barashima ko uwu mwaka amazi ataduze nk’uko vyagenze mu mwaka uheze. Bamwe imirimo yarasubiriye ukuri kwamye, n’ubwo hamwe hamwe hacibonekeza ibibanza vyamizwe n’amazi. BNP-Magazine yashitse mu Kibenga aho bita « avenue Lacosta Beach » no kuri « Cercle Nautique » mu gisagara ca Bujumbura.

Jeannette Ndagijimana akora mu bunywero « Cercle Nautique ». Avuga ko ubu bimeze neza agereranije no mu mwaka uheze : « Ni vyo twaragerageje kwubaka inyubakwa zikomeye kugira ntizisubire gutwarwa. Ico gihe, amazi yari yaraduze gushika kw’ibarabara. Nta mukiriya yahatumbera. Nta n’imodoka yashobora kwinjira. Uwu musi ni vyo mwibonera hasigaye ari nyabagendwa », niko yavuze ariko aratwengatwenga. Yongeyeko ati : « mu ndwi iheze amazi yaraduze gatoya, ariko vyari ibisanzwe, ntaco yononye. Ndizeye ko ivyabaye mu mwaka uheze bitazosubira ».

N’aho biri uko, muri bimwe mu bibanza vyakozweko n’amazi mu mwaka uheze, haracagaragara ingaruka zikomeye. Akarorero n’ahahoze ubunywero Lacosta Beach. Nta n’uwoba akihamenya. Umengo nta n’inyubakwa zahigeze. Ni mu gihe bwahoze ari ubunywero bukomeye kandi bwakudwa cane.

Ariko abanyagihugu baba muri ako karere, na bo nyene baremeza ko uwu mwaka kabaye agahengwe. Claudine Kwizera arubatse. Afise abana bane. Aba kw’ibarabara ryitwa « Lacosta Beach » nyene. yabwiye BNP Magazine ati : « Ubu turaryama tugasinzira ».

Mu kwezi kwa gatatu umwaka wa 2021, uwo mupfasoni yari mu bihumbi vy’abanyagihugu bomowe n’iduga ry’amazi ya Tanganyika. Ati : « Ico gihe amazi yaraduze ku mpome z’inzu yacu kugera nko ku metero imwe n’igice uja hejuru ». Ariko araganira na BNP Magazine, yaciye yibuka ingene bacumukuye : « Ntivyoroshe kuja gupanga kandi wari usanzwe ufise inzu. Amahera twakoresha ku kwezi yirwije na gatatu. Tubonye amazi atanguye gusubira inyuma twaciye tugaruka. Aho hari mu kwezi kw’indwi uwo mwaka nyene ».

Kuva ico gihe, amazi ntiyasubiriye kuduga. Yagiye agenda agabanuka. Ubu, abegereye ikiyaga nka bose bari mu gahengwe. Bizeye ko atazosubira kubashwara mwo. Twibutse ko n’ubu imiryango imwe imwe ikiri mu kaga kubera iyo ngorane.




Leave a Reply

Your email address will not be published.

Open chat