B-NP Magazine

Tanzaniya : Batanu bahitanywe n’ingwara itaramenyekana

Indwara itaramenyekana iramaze guhitana abantu batanu baba mu ntara ya Kagera, mu gihugu ca Tanzaniya. Abategetsi bo muri ico gihugu bavuga ko ari indwara ikomeye. Basaba abanyagihugu kuhagabira.

Gushuha, kumeneka umutwe, gucika intege, kuva umwuna ni bimwe mu bimenyetso bikuru bikuru umuntu agira afashwe n’iyo ndwara. Nk’uko tubisoma ku rubuga ngurukanabumenyi rwa BBC Gahuza, imaze guhitana abantu batanu. Hari abandi indwi bamaze gufatwa nk’uko bitangazwa n’ubushikiranganji bw’amagara bwo muri Tanzaniya.

Amakuru ava muri ico gihugu kibanyi avuga ko reta yihutiye gushiraho umurwi w’abaganga badasanzwe ujejwe gukurikirana ivy’iyo ngwara. Ico bise : « Rapid Response Team ». Bahawe intumbero yo kugira bagire amatohoza yimbitse kuri ico kiza. Reta isaba abanyagihugu baba muri ako karere kwirinda kwegera no gukora  ku bantu bamaze gufatwa n’ibimenyetso vy’iyo ndwara.

Kagera ni intara ya Tanzaniya isangiye umupaka n’Uburundi (ku ruhande rwa Muyinga na Kirundo) ikongera ikawusangira n’Urwanda.




Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *