B-NP Magazine

Somalia : abasirikare 10 b’Uburundi baraye baguye mu gitero ca Al-Shabab (reta)

Abasirikare 10 baritavye imana mu bucagucagu bwo kuri uwu wa kabiri, abandi 5 baraburwa irengero, 25 na bo barakomereka, mu gitero cagizwe n’abagwanyi b’umuhari Al-Shabab ku kirindiro c’ingabo z’Uburundi kiri ahitwa Ceel Baraf. Vyatangajwe n’igisirikare c’Uburundi kuri uwu wa gatatu.

Ico gisirikare (FDNB) kimenyesha ko bakoresheje imodoka zirimwo ibiturika ziherekejwe n’abandi bagwanyi bafise inkoho za rutura. Ngo haciye haba intambara idasanzwe hagati y’abasirikare n’abo bitwaje ibigwanisho. Abasirikare 10 ngo baciye bahasiga ubuzima. Batanu barabuzwe irengero nk’uko igisirikare c’Uburundi kibandanya kibivuga, abandi 25 barakomereka. Ku ruhande rw’abateye, abagwanyi 20 ngo ni bo bahasize ubuzima.

Kubw’umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi, ico gitero c’umuhari Al-Shabab usanzwe uri ku rutonde rw’imirwi y’iterabwoba, nta kindi cari kigamije atari kujuragiza ibikorwa vyo kugarukana amahoro muri Somalia biriko birarangurwa biciye mu rwego ATMIS (Mission de Transition de l’Union Africaine en Somalie). Asaba ingabo kuguma zarikanuye.

Abicishije ku rubuga rwiwe rwa twitter, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yiyamirije yivuye inyuma ico gitero. Yagize ati : « Ndifadikanije na Afrika yose ihejeje gutakariza abasore n’inkumi ku rubuga rw’iteka ». Eka mbere na leta ya Somalia n’abaserukira umuryango w’ubumwe bwa Africa (Union africaine) bateye ivyatsi ico bise « igitero c’iterabwoba » cakozwe ku kirindiro c’ingabo z’Uburundi.

Iki ni co gitero ca mbere gikozwe ku nteko zihurikiye mu rwego Mission de Transition de l’Union Africaine en Somalie (ATMIS) kuva zihinduye izina mu kwezi kwa kabiri uwu mwaka. Imbere y’aho zitwa AMISOM (African Union Mission In Somalia).

Muri 2007, ni ho Uburundi bwifatanije n’ibindi bihugu vyo mu karere mu kurungika abasirikare ba bwo mu mugambi wo kugarukana amahoro muri Somalia. Uravye igitigiri c’abasirikare ba bwo, ni ubwa kabiri bufise benshi, inyuma y’Ubuganda.




Leave a Reply

Your email address will not be published.

Open chat