B-NP Magazine

SOBUPRODIA: ishirahamwe ryiyemeje gushigikira uburimyi

Sobuprodia ni ishirahamwe rirangurira hanze y’Uburundi imbuto zirobanuye, imiti y’ibiterwa hamwe n’ibikoresho vyo kurima. Abaritanguje basigura ko biyumviriye kurishinga kugira bafate mu mugongo igisata c’uburimyi, kuko ngo “nta gihugu gitera imbere kidahereye kuri ico gisata.”

SOBUPRODIA (Société burundaise de production et de distribution des intrants agricoles) ni ishirahamwe ryigenga. Rirahingura rikongera rikarangura hanze y’igihugu imbuto zirobanuye, hamwe n’imiti y’ibiterwa. Rirarangura kandi ibikoresho bitari bike bikoreshwa mu kurima. Ryatanguye kubaho mu 2019, bivuye ku kibazo abarishinze babona cari gihanze uburimyi: ukubura imbuto zirobanuye hamwe no kubura imiti y’ibiterwa.

Magnifique Kwizera ajejwe ubudandaji muri iryo shirahamwe asigura ko ibidandazwa vyabo babirangura mu bihugu nka Hollande, Ubushinwa, Bangladesh, Kenya, hamwe n’ahandi. Zimwe mu mbuto iryo shirahamwe rikura hanze harimwo iz’ ibitunguru, ibigori vya kijambere, pasiteque, ikaroti, imyungu, isereri, hamwe n’ibindi. Mu miti naho, mikurumikuru ni iyikingira ibiterwa kubora (fongicides) hamwe n’iyica udukoko twonona ibiterwa (insecticides).

Uwo ajejwe ubudandaji muri SOBUPRODIA yasiguriye BNP Magazine ko iyo bashikanye izo mbuto n’iyo miti, baca babishikiriza abaranguzi bafitaniye amasezerano  ku rwego rw’intara. Abo ni bo baheza bakabishikana mu makomine no ku mitumba. Kwizera asigura ko iryo shirahamwe rimaze gushika mu ntara 13 mu zigize Uburundi. Bategekanya gukorera  no muri izo zindi zisigaye.

Ku bwa Côme Bahumugisha, umuhinga yize ivy’uburimyi akora muri iryo shirahamwe, ngo nta gihugu cotera imbere gishize inyuma uburimyi. Ni co catumye SOBUPRODIA ryigira umugambi wo gukorera muri ico gisata. Ariko rero, aranasaba ko reta yofata ingingo yo kugabanya amatagisi arihishwa ku mbuto n’imiti y’ibiterwa biva hanze. Ngo ivyo bidandazwa vyorushiriza kwinjira vyoroshe, maze n’abanyagihugu bikabashikira vyoroshe.




Leave a Reply

Your email address will not be published.

Open chat