B-NP Magazine

Rwanda : Hatanguye inama ya Common wealth

Kuva kuri uwu gatanu hakoraniye i Kigali inama rukokoma y’abakuru b’ibihugu n’ama reta ahurikiye mu muryango Common Wealth. Ni umuryango w’ibihugu 54 bivuga ururimi rw’icongereza. Muri vyo, 14 ni ivyo ku mugabane wa Afrika.

Iyi nama yari imaze kwigizwa inyuma incuro zibiri zose kubera ikiza ca Korona. Iyindi nk’iyi yaheruka muri 2018.

Umukuru w’iguhugu c’Ubwongereza Boris Johnson yashitse i Kigali kuri uwu wa kane. Agishika ntiyatevye kugira ico ashikirije ku mugambi wa reta yiwe wo kurungika abimukira mu Rwanda. Ni mu gihe ONU n’amashirahamwe mpuzamakungu aharanira agateka ka zina muntu atawerekwa. Ico kibazo kiri mu vyo mbere yaganiriye na Paul Kagame arongoye Urwanda, mu mubonano bagiranye.

Abakuru b’ibihugu n’amareta bagera kuri 25, n’abandi bategetsi batandukanye baserukira ibihugu vyabo ni bo bitavye. Muri bo harimwo umushikiranganji wa mbere wa Canada, Justin Trudeau, uwuramutswa Qatar, Cheikh Tamim ben Hamam Al Thani, umukuru w’igihugu wa Ouganda Yoweri Kaguta Museveni, uwa Nigéria Muhammadu Buhari, n’abandi.

Haja gutangura inama yo mu mwiherero. Mu vyo baja kuganirako harimwo ivyerekeye iterambere rirama hamwe n’inagurwa ry’ubutunzi bw’ibihugu bigize umuryango wa Common Wealth muri iki gihe isi iriko iratsinda ikiza ca korona. Baraja no kwiga ibijanye n’ingorane z’ubutunzi mu bihugu vyabo bazifatiye ku ntambara ihuza Uburusiya na Ukraine. Iyi, iriko igira ingaruka zikomeye ku butunzi bw’isi.

Inkomoko y’ifoto: BBC Gahuza




Leave a Reply

Your email address will not be published.