Kuva kuri uwu wa kabiri, mu ntara ya Rumonge nta muntu arekuriwe gushora isombe adafise uruhusha ruteweko umukono na nyumbakumi. Biri mw’ikete ryanditswe na buramatari w’iyo ntara Léonard Niyonsaba. Uwo mutegetsi arabuza n’urudandazwa rw’ibigori bitoto mu masoko atazwi na reta.
Imbere y’uko nyumbakumi asinyira uruhusha uwushaka kudandaza isombe, azobanza gusuzuma ko zavuye mw’itongo ryiwe. Buramatari wa Rumonge asigura ko ibi bikozwe mu ntumbero yo gukinga ubusuma no gusesagura umwimbu.
Muri urwo rwandiko nyene, Léonard Niyonsaba arabuza urudandazwa rw’ibigori bitoto mu masoko atazwi na reta. Uwo mutegetsi amenyesha ko n’ukudandaza ku mbabura ivyokeje bihagaritswe muri ico gisagara. Ngo uwubikeneye azovyokereza muhira iwe.
Abahora bakora urwo rudandaza rw’ibigori bavuga ko bafatiwe amaboko i mugongo kubera ariho bahora bakura udufaranga two gusahiriza mu miryango. Benshi ngo abafasha babo nta buryo bwo gutunga imiryaryo bonyene bafise.