B-NP Magazine

Patience ingabire : « Umwuga urakiza »

 

“Iyo amashure yanse, ngo ntiwokwihebura. Ahubwo ngo nyabuna woca wiga umwuga”. Bivugwa na Patience Ingabire, umwe mu bashikiwe n’ico kibazo. Yaciye yiga kubarira akoresheje imashine. Ubu ntiyidoga.

 

Ingabire afise imyaka 21. Amashure yayahagaritse ageze mu mwaka w’indwi. Vyatumwe n’uko muhira vyari vyifashe nabi. Yaciye yigira inama yo kwiga imyuga kugira arabe ko yokwunganira abavyeyi. Yafashe amezi atandatu yo kwiga kubarira akoresheje imashine. Ubu atunzwe n’uwo mwuga.

Yiganiye BNP Magazine ukugene abigenza. N’akamwemwe kenshi, ati:” ku munsi ndashona impuzu 4 canke 5. Nshona cane cane iz’abakenyezi. Bandishe ndashobora gutahana amafaranga y’amarundi ari hagati y’ibihumbi 20 na 40”

Ayo mahera ni yo amufasha kurihira amashure abo bavukana, akariha na rasiyo. Uwo mwigeme ahamagariria urunganwe rwiwe rureze amaboko, ko nyabuna rwokura amaboko mu mpuzu rugakora. Ngo nta gukengera akazi. “abahejeje amashure na bo nyene ntibarindire ubuzi bwo mu biro kuko ntabukihari”, ni ko Ingabire ahanura.

Intambamyi

 Uwo mwigeme asigura ko afise ikibazo c’uko amatara akunda gucika aho asanzwe akorera muri “le parisien”. Ivyo bituma abamuhaye impuzu baca bidoga kuko imashine akoresha ikoresha umuyagankuba. Nt’aba akibahaye impuzu zabo ku mwanya bavuganye.

Ikindi ngo haraho bishika umukiriya akitoraguza avuga ko yamukoreye impuzu nabi. Muri ico gihe bica bisaba ko ayisubiramwo. Haraho bishika agaca ayibarira ukutariko kandi, bigaca biba ngombwa ko ariha igitambara. Ati: “Ibintu nk’ivyo biransubiza inyuma cane mu migambi yanje”

Ingabire yipfuza kugera kure. Ashaka kurondera amamashine yugurure uruganda rwiwe, maze ashiremwo abakozi bazohora bashona imideri imwitiriwe (marque). Mu gutanga akazi, urwaruka ruzoza imbere.

 




Leave a Reply

Your email address will not be published.

Open chat