Imiyaridi 344 ni yo mahera Reta yategekanije gukoresha mu mwaka w’2022-2023 mu bikorwa remezo n’ivy’umuyagankuba. Muri ayo, imiyaridi 256 agenewe kwubaka ibarabara ry’idarayi. Kubwa Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe rihamagarira Abarundi guhindura ingendo kugira bashike kw’iterambere rirama (Parcem), ayasigara ni make cane kugira ashobore kurangura iyindi migambi. Yabishikirije kuri uwu wa kane, mu mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru.
Faustin Ndikumana asigura ko kugira igihugu gitere imbere habwirizwa kwubakwa ibikorwa remezo biboneka hamwe no gushiraho umuyagankuba ukwiye mu Burundi bwose. Muri ivyo ngo harimwo nk’ikibuga c’indege, amabarabara, ibiraro, ibivuko, ingomero z’umuyagankuba, amazu ya Reta, n’ibindi. Ivyo rero kugira bikunde, Reta y’Uburundi ibwirizwa kwongereza amahera agenewe ico gisata mu mwaka w’2023-2024. Ndikumana yasiguye ko imiyaridi 344 ari zo zategekanijwe gukoreshwa uwu mwaka. Muri ayo harimwo imiyaridi 256 zagenewe kwubaka ibarabara ry’indarayi. Imiyaridi 9 na zo zagenewe umuyagankuba. Ayasigaye ariko arakoreshwa mu gusubiramwo amabarabara. Ku bwiwe, ni make cane. Reta ikwiye kurushirizaho gushira inguvu muri ico gisata kuko ari co gihambaye mu gihugu. Ni ryo terambere rirama.
Yabandanije avuga ko Uburundi bukwiye guheba ingendo zimwe zimwe kugira bushike ku ntambwe ishemeye. Izo nazo ni nko kwubaka inyubako za Reta hagati mu mwaka bitari biteguwe. Ngo usanga kenshi ayo mahera ata na hamwe ari. Haba mu mahera Reta ikoresha mu mwaka haba no mu mfashanyo ironka. Ndikumana yatanze akarorero k’inyubako y’ikibuga c’umupira citiriwe « Intwari », umugambi w’uburaro, ikibuga c’indege,…ivyo vyose avuga ko amahera ariko arakoreshwa batabona iyo ava. Ni muri iyo ntumbero uwo arongoye Parcem asaba ko hoshirwaho urutonde rw’ibikorwa remezo Reta itegekanya kwubaka (Programme d’investissement Public). Urwo rutonde ruzokwerekana neza amahera n’ibikorwa bizorangurwa mu mwaka w’2023-2024.
Ikindi na co Ndikumana asaba ni uko hogaruka ubushikiranganji buraba imigambi ya Reta (ministère du plan). Nayo nyene igaca yegukira ubushikiranganji bwa mbere. Gutyo ngo hotuzwa imigambi ikorwa ata ntumbero.