« Ibihugu vyiba ubutunzi kama bwa Republika iharanira Demokarasi ya Kongo bibihagarike! » Vyashikirijwe n’umwungere wa Ekleziya Katolika Papa Francisiko mu rugendo rw ‘ubutumwa arimwo muri ico gihugu.
Papa asigura ko kwiba ubutunzi kama bwo muri kongo biri mu bituma ico gihugu kidatera imbere. Avuga ko bitumvikana ko ivyamwa vy’ubutaka bw’ico gihugu bugituma bene co bakibona nk’uko kitari icabo. Ni muri iyo ntumbero uwo mwungere wa Ekleziya asaba abo bose baza gusahura ubutunzi bw’ico gihugu guhagarika.
Francisiko arababazwa no kubona kandi ko gushika ubu hacibonekeza uburyo bwinshi bwo gukamisha Afrika. Ngo inyuma y’ubukoroni bwa poritike haciye haza ubw’ubutunzi. Papa avuga ko ivyo bisubiza inyuma ukwikukira kw’igihugu. Uwo arongoye Vaticano asaba abakoroni basahura amatungo ya Kongo hamwe n’umugabane wa Afrika kubiheba. Agira ati : «Kura amaboko yanyu kuri kongo no kuri Afrika ! Hagarika kunigira mu menshi Afrika». Yipfuza ko uwo mugabane wogira inguvu n’igihagararo mu makungu.
Urwo rugendo rwiwe mu gihugu ca Kongo ruzomara imisi itandatu. Bitegekanijwe ko azoca arubandaniriza mu gihugu ca Sudani y’epfo.