B-NP Magazine

ONU : Ihuriro ridasanzwe rigira 77

 

 

Menya bimwe mu biri mw’ijambo umukuru w’igihugu, Evariste Ndayishimiye, yaraye ashikirije mu nama igira 77 y’ishirahamwe rya ONU iriko ibera i New york muri Reta zunze ubumwe za amerika.

 

Yasavye ONU kwemera intambwe iboneka uburundi bumaze gutera mu myaka 17 irangiye, gutyo  bugakurwa mu murwi w’ibihugu bigoyagoya (pays fragiles)

 

Mu bijanye no gutwara ibintu n’abantu, yashikirije ko Uburundi, Tanzaniya na Congo vyatanguje umugambi wo kwubaka indarayi (chemin de fer) izohuza ivyo bihugu uko ari bitatu n’amabahari ya Indien na Atlantique.

 

Yashikirije ko inyuma y’indyane zabaye, ubu uburundi buriko buratera intambwe bugana mu nzira y’amajambere. Ivyo vyose ngo vyashobotse kubera abarundi ubwabo hamwe n’uruhara rw’amakungu.

 

Mu bijanye n’impunzi, yashikirije ko uburundi bwakiriye ibihumbi n’ibihumbi vy’impuzi zahunze ziva mu buseruko bwa Repubulika iharanira demokarasi ya congo (RDC).

 

Mu bijanye n’umutekano, yamenyesheje ko uburundi hamwe n’ibindi bihugu vya afrika y’ubuseruko, biciye mu mugambi w’i Nairobi,  vyiyemeje gutuza imirwi y’abarwanyi ihungabanya akarere k’ubuseruko bwa Repubulika iharanira demokarasi ya congo.

 

Mu gisata c’indero, yashikirije ko umugambi wo kwigisha abanyeshure bo mu mashure y’intango ku buntu watumye igitigiri c’abana b’abakobwa biga ciyongera, watumye kandi abaheba bagabanuka.

 

Mu ntumbero yo kworohereza urwaruka kwitunganiriza imigambi, yamenyesheje ko hashinzwe ibanki y’urwaruka. Ngo n’abapfasoni ntibibagiwe, haruguruwe ibanki ya bo.

 

Mu gisata c’amagara y’abantu, yasavye abafasha mw’iterambere ko bofasha mu kuzamura ubutunzi bw’ibihugu vya afirika bwasinzikajwe n’inkurikizi z’ikiza ca covid-19. Yongeyeko ko umugambi wa reta wo kuvyara ku buntu watumye hagabanuka impfu z’abana bapfa bariko baravuka.

 

Mu gisata c’uburimyi, yashikirije ko uburundi bumaze gutera intambwe mu kwigisha abarimyi guhindura ingendo kugira ntibarimire gufungura gusa, ahubwo barime ku buryo bashobora gucikishako ivyo bashora hanze y’igihugu.




Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *