B-NP Magazine

Ntibigiye kworoha !

 

Wari ubizi ? Umusore canke inkumi yibana, uwutunze impfuvyi nyinshi muhira iwe, uwashinze urwiwe amaze kuronka ibibondo bija no kw’ishure, … ntibazokorwako co kimwe n’ingingo yo kududuza ibiciro vyo kwiyunguruza yafashwe kuri uwu wa gatatu na reta. BNP Magazine yagerageje kubisigura yishimikije ibiharuro ngereranyo.

 

Tubanze twibutse ko hagati mu gisagara ca Bujumbura igiciro co kwiyunguruza caraye kivuye ku 450 kija ku 550. Mu makaritiye ari inyuma y’igisagara, ni hagati y’amajana atandatu (600) n’igihumbi (1000).

Dufatire kuri ico giciro ca kabiri. Akarorero: Yohana (izina twatoye ukwo nyene) ni umuvyeyi aba mu Maramvya. Afise abana 5. Bose biga mu gisara hagati. Eka na we nyene akora mu bushikiranganji tutarinze kuvuga, mu gisagara hagati. Umushahara wiwe uri hagati y’ibihumbi 200 n’300.

Kuva mu Maramvya uja mu gisagara hagati, uriha igihumbi (1000). Imisi yose y’imirimo Yohana ategerezwa kwirihira itike yo kugenda no kugaruka (aller-retour), akongera akagira atyo ku bana biwe batanu baba bagiye kw’ishure. Kugenda no kugaruka ku muntu umwe, bitwara ibihumbi bibiri (2000) ku musi. Urwije n’abantu batandatu, ni ibihumbi cumi na bibiri (12000) ku musi. Ku ndwi (kuva ku wa mbere gushika ku wa gatanu), bica biba ibihumbi mirongo itandatu (60.000). Ku kwezi, dukuyemwo imisi y’akaruhuko, azoriha ibihumbi vyababa amajana atatu (264 000).

Ayo ni ayo kwiyunguruza gusa. Ntitwashizemwo ayo azokoresha mu gusuma, kwivuza, kuriha inzu, kugura agahuzu n’agasabuni, kumara imanza, … Ntitwaharuye  kandi ko ashobora gusimbira mu gisagara hagati ku minsi y’akaruhuko (week end).

Twavuze ko Yohana afise umushahara uri hagati y’ibihumbi 200 n’300. None ubwo ubuzima buzomworohera n’abiwe ? Mbere ntitwokwiyobagiza ko hari n’abandi barundi benshi baba mu gisagara bahembwa umushahara uri munsi y’uwo na kure. Na bo nyene bakeneye kwiyunguruza.

 

 




Leave a Reply

Your email address will not be published.

Open chat