B-NP Magazine

Nta mwuga utamenyerwa !

 

 Viateur Hakizimana ni umutayeri. Afise ubuhinga bwo gusubiramwo impuzu. Ni kuvuga kuyihindura, kuyigabanya canke kuyagura. Uwo mwuga ni wo umubeshejeho. BNP-magazine yamusanze aho akorera, kuri  « Le Parisien » hagati  mu gisagara ca Bujumbura.

 Gukonesera ni jambo ikunzwe kuvugwa n’abantu benshi. Na canecane abanyamuji. Aho hambere uguze impuzu ugasanga ntigukwiye canke ntiri uko uyipfuza wapfa kwambara canke ukaraba uwundi uyigabira. Ariko uwu musi siko biri. Hari ubuhinga bwo kuzishira kuri « ndri ». Ni ukuvuga kuyishira ku rugero rwa nyeneyo, uko aba ayishaka. Hakizimana rero ni umwe mu bahinga bavyo.

Hakizimana yayagiye BNP Magazine ko yatanguriye gushona ku mpuzu zatabutse canke izo aterako ibiraka. Yashonera amahera ari hagati y’100 n’500 gusa. Buke buke abantu bagiye baramumenya. Batangura kumuzanira ibindi ibikorwa, nko kugabanisha, kwongereza impuzu zabo, n’ibindi. Yasiguye ko mu ntango vyamugora, ariko ko yagiye ariga buhobuhoro gushika abaye umuhinga muri ako kazi. Uwu musi ni bitumwako. Asigura ko uko yagiye aterimbere ariko yaduza n’igiciro cayo ashonera. Ubu ashonera kuva ku gihumbi kuduga. Ayo akuramwo ni yo aheza akamutunga, we n’umuryango wiwe.

Hakizimana avuga ko anezerezwa n’intambwe agezeko. Yatanguye ashona ari umwe ariko ubu afise abakozi 10 akoresha. Ikindi naco arinjiriza igihugu mu kuriha ikori. Afise n’imigambi ko nko mu myaka nk’itanu iri imbere yoba afise inzu yiwe akoreramwo .

Arahurumbirwa cane.

Bamwe mu bakiriya twahasanze bavuga ko impuzu asubiyemwo igaruka nka nshasha. Christian Arakaza ni umwe mu bo BNP-Magazine yahasanze. Yari aje kugabanisha ikoti (costume). Iyo nayo ni iyo azokwambara ku musi wa gatandatu ku bukwe bwiwe. Ati : « Naratumye ikoti umugenzi ari mu gihugu ca Turikiya. Yanshikiriye ku wa mbere. Nasanze itankwiye. Vyasavye ko ndayigabanisha. Ni ho rero bandangira Viatori bambwira ko ari we nyishu y’ikibazo canje». Abandanya avuga ko yari yatanguye kugira ubwoba bw’ingene agira asubire kurondera iyindi kandi hasigaye imisi itatu ngo agire urubanza. Ariko igihe twavugana na we yari yamaze kugarukana icizigiro. Yagize ati : « Ipantaro yayihejeje kandi yayikoze neza. Ubu ndindiriye aheze ikoti na yo. »

 Arlette Kamikazi na wenyene ni ho twamusanze. Asanzwe ari umukiriya wiwe. Avuga ko ubu ata kibazo afise co kugura impuzu nini. Ati :« Nta mpuzu ngiheba hari « abakonesere ». Nkira kuba nayikunze gusa ».

Hakizimana aranahindura impuzu yari ijipo akayigira ipantaro canke ikindi kintu umukiriya yipfuza.




Leave a Reply

Your email address will not be published.