B-NP Magazine

Nairobi : Abakuru b’ibihugu 4 mu nama y’umutekano

 

Umukuru w’igihugu c’Uburundi, Evariste Ndayishimiye, kuri uwu wa kane yafashe urugendo rumushikana mu gihugu ca Kenya. Yitavye inama y’abakuru b’ibihugu vyo « mu karere ». Iriko ibera  i Nairobi ku murwa mukuru w’igihugu ca Kenya, ikazomara imisi ibiri.

Mw’itangazo ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi vyasohoye mu gitondo, vyamenyesheje ko Evariste Ndyishimiye yitavye inama y’abakuru b’ibihugu yerekeye « ivyo mu karere ». Iryo tangazo rivuga ko yatumiwe na mugenzi we wa Kenya, Uhuru Kenyatta, ari nawe aramutswa umuryango wa Afrika y’ubuseruko.

Nk’uko amakuru BNP Magazine yaronse abivuga, abakuru b’ibihugu bafashe urugendo berekeza muri Kenya ni batatu : Evariste Ndayishimiye (Burundi), Yoweri Kaguta Museveni (Ouganda) na Félix-Antoine Tshisekedi Tshilombo (RDC). Umukuru w’igihugu c’Urwanda Paul Kagame yaserukiwe n’umushikiranganji wiwe w’imigenderanire.

Ibiro vy’umukuru w’igihugu vya Repubulika iharanira demokarasi ya Kongo (RDC), bibicishije ku rubuga rwa vyo rwa Twitter, vyatangaje ko ari inama ifise intumbero yo « kwiga ibijanye no kuzana ituze mu karere » (impératifs de stabilisation de la région).

Iyi nama ibaye mu gihe mu buseruko bwa RDC haciye imisi havugwa imirwi itandukanye yitwaje ibigwanisho idahengeshanya guhungabanya ako karere. Akarorero : Mu kwezi kwa gatatu uwu mwaka, haradutse intambara zikomeye hagati y’igisirikare ca Kongo (FARDC) n’umuhari bivugwa ko woba ari M23, mu gace ka Rutshuru. Vyatumye abanyagihugu baharurwa mu bihumbi bahungira mu gihugu kibanyi ca Uganda.

Ni ubwa mbere habaye inama ihuza abaramutswa ibihugu bigize afrika y’ubuseruko kuva RDC yemerewe kwinjira icese muri uwo muryango. Hari kw’igenekerezo rya 29 Ntwarante 2022.

 




Leave a Reply

Your email address will not be published.

Open chat