B-NP Magazine

« N’abakenyezi barafise uburenganzira bwo gutorana !»

 Kuri uwu wa mbere italiki 25 mukakaro, ikigo mu vyo giharanira harimwo agateka k’umukenyezi CDE (Centre for Development and Enterprises Great Lakes) kibicishije mu gisata « why women » catanze icirwa ku bijanye no gutorana kw’umukenyezi w’umurundikazi. Ku bw’ico kigo, ngo ni imico n’amategeko y’igihugu bitamuha ubwo burenganzira. Kubwa Aimable Manirakiza arongoye CDE, ngo ivyo ni bimwe mu bituma umukenyezi adatera imbere canke ngo yigenge.

 Uwo muyobozi asigura ko umuhungu n’umukobwa bangana imbere y’amategeko. Kubera iyo mpamvu rero, umukenyezi arafise uburenganzira bwo gutorana nk’uko ibwirizwa shingiro ry’igihugu ribivuga. Rero ngo umwigeme arafise ububasha bwo kugira itongo ryiwe, kuririma, kurikotesha canke kurigurisha. Naho biri uko, asigura ko abarundi na cane cane abatize badatahura ko umukobwa afise uburenganzira kw’itongo nka musazawe. Iyo rero akumiriwe muri mwene ubwo buryo, bica bigira ingaruka ku butunzi n’ubwigenge bw’umukenyezi.

Manirakiza asigura ko icirwa cerekana kandi ko ubukene buri mu bakenyezi buterwa n’uko badafise uburenganzira kw’itongo (droit à la propriété foncière). Yatanze akarorero ko iyo hageze gusaba ideni bitaborohera. Babasaba ingwatirizo (Hypothèque) kugira berekane uko bazoririha. Iyo rero ntibashobora kuyironka kuko badafise uburenganzira bwo gutorana.

Manirakiza asigura ko hano mu Burundi impinga ikiri ndende. Ati : « ikigo ndongoye kizoguma gikangurira abanyagihugu kubizirikana kugira ejo canke hirya y’ejo iryo tegeko rizokwemezwe. »  Asaba abacamanza n’abashingwamanza kuza barisunga ibwirizwa shingiro mu kibanza c’amategeko agenga imico (droit coutumier).

Intambamyi ni nyinshi.

Nk’uko vyashikirijwe na Alexis Manirakiza, umuhinga yakoze icirwa ku bijanye n’ukudatorana kw’abakenyezi, ngo « ukudaha uburenganzira bwo gutorana umukenyezi ari ukumukumira. » Ariko yasiguye ko biva ku bintu vyinshi, na canecane ibijanye n’imico. Yasiguye ko mu mitwe y’abarundi hari ko umukenyezi adashobora gutorana. Ivyo navyo kubibakuramwo ni igikorwa kitoroshe. Ku bijanye n’imibano naho uwo muhinga avuga ko biva kuntu ata matongo agihari. Ikindi naco bivako ni ukutamenya ico amategeko abarekurira (bituma iyo hageze guharanira agateka kabo na bo nyene bikumira).

 




Leave a Reply

Your email address will not be published.