B-NP Magazine

Na bo nyene ubuzima bwarabahindukanye!

Abadandaza ivyuma vyo gusubiriza vy’amapikipiki, n’ama tuk tuk bakorera hagati mu gisagara ca Bujumbura bavuga ko bakozweko n’ingingo abanyonga ivyo vyuma bafatiwe, igena aho batarenga hashasha. Ntibakidandaza nk’uko bahora, ngo kuko ubu bitorohera abahora babashorera kubashikira.

Bisa nk’aho akazi kahagaze. Ivyuma ubu ntibigisohoka nk’uko vyahora. Ubu turicara, tukarindira abakiriya, amaso agahera mu nzira.” Vyavuzwe na Juma Saidi, akorera mu mangazini idandaza ivyuma vyo gusubiriza vy’amapikipiki, n’ama bajaj. Akorera hagati mu gisagara ca Bujumbura. Mu minuta itari mike BNP Magazine yahamaze, nta mukiriya n’umwe yigeze aza kubaza icuma.

Jadot Niyonkuru, uwundi mudandaza wa mwene ivyo vyuma na we nyene aremeza ko ababigura bagabanutse  kuva ingingo igena aho batarenga hashasha igiye mu ngiro. Ngo ikibitera ni uko abanyonga amapikipiki na tuk tuk batari bake baduze mu ntara za ruguru. N’abakiri i Bujumbura benshi  birabagora gushika mu bibanza bahora bashikamwo, bigaca bibagora no gushika kugura ivyuma vyo gusubiriza. N’ikindi kandi, ngo hari abadandaza b’ivyuma vyo gusubiriza baciye basanga abanyonga amapikipiki hamwe na tuk tuk iyo bagiye. Bica bituma abagura ivyuma vyo gusubiriza batirirwa baraja mu gisagara kubihigayo.

Ingingo ibuza amapikipiki, ama tuk tuk hamwe n’amakinga gushika mu bibanza bimwe bimwe vy’igisagara ca Bujumbura yafashwe na Reta, mu ntumbero yo kugabanya amasanganya yo mu mabarabara. Yagiye mu ngiro  kuwa 21 Ntwarante 2022.




Leave a Reply

Your email address will not be published.

Open chat