Kuva ku muhingamo wo kuri uwu wa kane, Moussa Faki arongoye umurwi w’ibihugu bigize umuryango w’ubumwe bwa Afrika, ari mu rugendo rw’imisi itatu mu gihugu c’Uburundi.
Uwo mutegetsi adasanzwe ku rwego rwa Afrika, yitavye ubutumire bwa Evariste Ndayishimiye, umukuru w’igihugu c’Uburundi akaba kandi aramutswa umuryango wa Afrika y’Ubuseruko (EAC). Bitegekanijwe ko baja kubonanira mu ntara ya Kirundo kuri uwu wa gatanu. Baja kuvugana ku bibazo bitandukanye. Muri vyo harimwo ikijanye no kugarukana amahoro n’umutekano mu buseruko bwa Repubulika iharanira demokarasi ya Kongo.
Mussa Faki ni ubwa mbere agendeye Uburundi mu myaka itanu amaze arongoye umurwi w’ubumwe bwa Afrika (Commission de l’Union Africaine).
Tubibutse ko Evariste Ndayishimiye aheruka kwizerwa n’amakungu aho bamushinze amabanga yo kuba umwe mu bagize ibiro vy’ubuyobozi bw’ubumwe bwa Afrika. Vyabereye mu nama igira 36 yahuza abakuru b’ibihugu n’amaereta yabereye i Addis-Abeba. Hari ku magenekerezo ya 18 na 19 Ruhuhuma uno mwaka turimwo.