B-NP Magazine

Museveni na Kagame biyemeje kuroronderera amahoro akarere

  • Isanamu: BBC Gahuza

Abo bategetsi babiri babonanye kuri uwu w’imana mw’ijoro, i Kampala. Inyuma y’ikiganiro bagiranye, bapfunditse ko bagiye gushira inguvu mu bijanye no kuronderera amahoro arama akarere mu gutorera inyishu ikibazo c’umutekano muke urangwa muri RDC, ivyo bakazobikora nk’umuryango wa Afrika y’Ubuseruko.

Nk’uko bishikirizwa n’iradiyo y’abongereza BBC Gahuza, Perezida Museveni yatangaje ko umuryango ibihugu barongoye bihurikiyemwo usabwa gushira inguvu mu kurondera inyishu y’ingorane z’umutekano muke zihanze Repubulika iharanira demokarasi ya Kongo (RDC). Ku bwiwe, bitagenze ukwo, ico gihugu gishobora kurwa mu kaga nk’uko vyagendeye Soudan. Na Paul Kagame yunga muri iryo. Avuga ko ari gombwa ko impande zerwa n’ico kibazo zibijamwo zose.

Paul Kagame yagiye i Kampala, mu mpera z’indwi irangiye, ku butumire bujanye no guhimbaza isabukuru y’amavuka y’imyaka 48 ya Lieutenant Général Muhoozi Kainegura, umuhungu wa Perezida Museveni. Uyu musirikare, bisanzwe binugwanugwa ko ari we azosubirira Museveni ku butegetsi.

Mu ndwi iheze, abakuru b’ibihugu bine bihurikiye mu muryango wa Afrika y’Ubuseruko (uw’Uburundi, uwa Uganda, Uwa Kenya n’uwa RDC) bahuriye i Nairobi mu nama. Bariko biga iki kibazo nyene c’umutekano muke urangwa muri RDC. Perezida Paul Kagame yari yaserukiwe n’umushikiranganji wiwe w’imigenderanire




Leave a Reply

Your email address will not be published.

Open chat