B-NP Magazine

Mu ntango y’umwaka w’ishure ntibiba vyoroshe ku bavyeyi no ku barezi

Kuri uwu wa mbere, italiki 13 nyakanga ni ho umwaka w’ishure wa 2021 ushira uwa 2022 watangura mu gihugu cose. B-NP Magazine yagendeye ishure shingiro ya Gasenyi I iri muri komine Ntahangwa mu ntara ya Bujumbura Mairie kugira barabe uko vyifashe.

Hari isaha zitanu igihe abamenyeshamakuru bo muri B-NP magazine bashika kw’ishure shingiro Gasenyi I (ECOFO). Bahasanze uruja n’uruja rw’abana n’abavyeyi batari bake.

Désiré Ndayiziga, umuyobozi w’iryo shure avuga ko mu ntango w’umwaka w’ishure haba hari uruhagarara kandi ariko bisanzwe bimeze kuva kera. Ivyo navyo bikaba biva ku mvo zitandukanye.

Uwo muyobozi asigura ko hari abavyeyi n’abana bajuragirika  kuko baba batazi uko bituganijwe. Abenshi bazanwa no gusuzuma koko ko abana banditswe ku rutonde. Abo naberekeye abana baba bahejeje uwa gatandatu baja mu w’indwi. Abandi nabo bakaza gusaba guhinduza umurwi abana baba baherereyemwo. Nk’akarorero;

Hari umuvyeyi aba afise abana babiri, batatu canke bane bavukana ugasanga ntibari mu murwi umwe (A: abiga amasaha ari mbere y’isaha zitandatu na B: abiga inyuma y’isaha zitandatu). Ivyo bigatuma umuvyeyi ahangayika. Agaca aza gusaba bamushirire abana bose mu murwi umwe. Iyindi mvo, hari n’abavyeyi baba baribagiye kwandikisha abana mu mwanya bari babahaye bagaca baza gusaba ikibanza ku musi wo gutangura.

Ku bw’ivyo ku musi wa mbere ntavyirwa bitangwa. Aba ari umusi w’isuku n’ugutunganya ibikorwa vyishure.

Ndayikeza avuga ati uko umwaka utanguye bakira abana barenga 2000. Kuri we ni igikorwa kitoroshe. Mu mwaka w’indwi ho n’ibindi bindi. “Tuba dufise abana basubiramwo umwaka kubera bayobewe n’abandi baba bari kurutonde (Orientation) biba bivuye mu buyobozi bwi ndero bwo mu ntara no mu buyobozi bwindero mwi komine”.

Adèle Ndayishimye, umwe mu bavyeyi bari batonze gusaba ibibanza, avuga ati: “Ndanezerewe n’uko umuyobozi ampaye ikibanza. Umwana wanje yari uwusubiramwo umwaka w’umunani. Bari bafatiye ku manota 47% nawe afise 46,23. Urumva ko bitari vyoroshe. N’uko uwo mwana yahatanguriye kuva umwaka wa mbere.”




Leave a Reply

Your email address will not be published.