B-NP Magazine

Mu kanyosha baridoga !

 Imisi itanu irarumanye hibonekeza ikena ry’amazi mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura. Ingaruka zitandukanye zitandukanye ziramaze gutangura kwibonekeza. Bafise impungenge ko hazohava haduka indwara ziva kw’ isuku rike. BNP- Magazine yagendeye kuri uwu wa mbere karitiye ya Kanyosha iri muri komine Muha.

Ukihagera wakirwa n’amaganya y’abahaba. Uhura n’abantu bikoreye amabido abandi bayafise ku makinga bagiye kuvoma. Ubabajije bakubwira ko ari amayobera. N’ibintu batari bamenyereye. Batubwiye ko vyahora bishika agacika ariko ntivyamara umusi hose. Ubu siko biri ! Kuva ku wa kane w’indwi iheze nta n’ima rikoroka. Bamwe mu bo twashoboye kuvugisha baremeza ko uruhombo ari runini. Amahera bakoresha ku musi yariyongeye. Ikindi na co, ni uko umunuko uri mu kubomora mu mazu.

Jean Ndayizeye ni umwe mu bo twavugishije. Avuga ko ubwanwa bwapfutse umunwa. Ku musi agura amabido 3. Imwe y’amaritiro 20 ayigura amafaranga y’amarundi 1 500. Ayo aba ari ayo gutekesha no kwoga. Asigura ko ahari amabombo ari kure ku buryo atumye umwana canke umukozi hari ibintu bica bipfa. Aca ahitamwo kuyagurira ku bantu baba bayavomye bagenda barayadandaza mw’ibarabara kugira akazi ntigapfe. Uwo mushingantahe avuga ko iryo kena ry’amazi rishitse mu gihe yariko arasubirishamwo inzu. Bica bituma akoresha amazi menshi. Ati : « Ukuyemwo zirya zitatu nshirako ayandi mabido 10. Murumva ko hari ibihumbi 15 vyiyongera ku 4.500 !».

Ku musi uwo mugabo akoresha amahera y’amazi ashika ku bihumbi 20. Avuga ko ayo mafaranga ari mesnhi uravye ubukene buhari mu gihugu. Ikindi na co avuga ko ubu mu kuja mu bwiherero bisigaye ari ikibazo kubera ata mazi ahari. Bitera umunuko. Hari bamwe bahavuye bimba mu ngo ikinogo bazohora bajamwo mu kurindira ko ibintu bisubira mu buryo. Asaba ababijejwe gutora umuti w’ico kibazo ibintu bitarunyuka.

N’abavoma mu mabombo ya Reta baridoga. Bavuga ko bishika na yo nyene akamara imisi ibiri ataje. Bagaca bikora ku ruzi rwa Kanyosha. Ayo na yo iyo bayahereje abana aca abarwaza. Hari abaca barwara inkorora abandi bakagira indwara zo ku rukoba.

Hari abikika mu kiza!

Abo na bo ni abasanzwe bakora akazi ko kuvoma amazi bakayadandaza ku bantu bifise bataba bakeneye gutonda ku mavomo. Uwu musi rero ngo abayarondera barwiriye. Ibido bahora bagurisha 700 ubu 1 500. Ndayisaba ni umwe mu bayadandaza. Avuga ko ku musi vyashika agatahana ibihumbi 5. Yongerako amwenyura ati: “Kuva ku wa kane ndatahana n’ayashika ibihumbi 20. Murumva ko ntokwipfuza ko aboneka!”

Tubibutse ko iyo ngorane y’amazi yibonekeza kandi mu bice bimwe bimwe vyo muri karitiye ya Musaga, Kinanira ya 3, iya 4 hamwe no mu Kibenga.




Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *