Ubushikiranganji buraba ibijanye no kwunguruza abantu n’ibintu bufadikanije n’ubw’ubutunzi, bwasohoye itegeko ryerekana ibiciro bigenga ingene imirwi itandukanye ikora akazi ko kwunguruza abantu n’ibintu ishobora kuriha kugira ironke impusha zo gukora, ico bise « carte d’agrément ».
AMASHIRAHAMWE Y’IMIDUGA AKORERA MU GIHUGU HAGATI
📌Ishirahamwe rikoresha imodoka ntonto (voiture) : 250.000 BIF
📌Ishirahamwe rikoresha Bus ntonto (minibus) : 500.000BIF
📌Irikoresha Bus nini nini : 1.000.000 BIG
📌Ishirahamwe rikoresha ibimodoka biremereye mu kwunguruza ibintu (poids lourds) : 1.500.000 BIF
AMASHIRAHAMWE MPUZAMAKUNGU AKORERA MU MABARABARA
📌Ishirahamwe rikoresha imodoka ntoya zanditswe mu mahanga : 200 USD
📌Ishirahamwe rikoresha imodoka ntoya yanditswe mu Burundi : 250.000 BIF
📌Ishirahamwe rikoresha Bus ntonto zanditswe mu mahanga : 400 USD
📌Irikoresha Bus ntonto zanditswe mu Burundi : 500.000 BIF
📌ishirahamwe rikoresha Bus nini zanditswe mu mahanga : 700 USD
📌Irikoresha izanditswe mu Burundi : 1000.000 BIF
📌Ishirahamwe rizana imiduga yaguzwe ivuye hanze y’igihugu : 2000.000 BIF
📌Ishirahamwe ry’ibimodoka biremereye vyinjiza ibidandazwa : 4000.000 BIF
IBICIRO VYEREKEYE UBWATO BUGENDERA MU MAZI Y’UBURUNDI
📌Ubwato bukoreshwa mu kuroba bisanzwe (pêche artisanale) : 10 USD
📌Ubwato buroba mu buryo buteye imbere (pêche industrielle): 50 USD
📌Ubwato bushobora gutwara ibidandazwa bidashika itoni 100 : 45USD
📌Ubushobora gutwara hagati y’itoni 100 n’500 : 200 USD
📌Ubushobora gutwara hagati y’itoni 500 n’1000 : 300 USD
📌Uburenza itoni 1000 : 5000 USD
Menya neza : Ikiringo ntarengwa co kuriha kugira umurwi wose uronke uruhusha rwo kurangura imirimo ni igenekerezo rya 31/03/2023.
AMASHIRAHAMWE ADANDAZA ITIKE Y’INDEGE
📌Ishirahamwe ry’irinyamahanga : 1000 USD
📌ishirahamwe rirundi : 1000.000 BIF.