B-NP Magazine

Kugura ibikoresho vy’ishure ni ukumeneka  ijisho !

Mu gihe umwaka w’ishure wimirije gutangura, mu gisagara ca Bujumbura, haribonekeza uruja n’uruza rw’abavyeyi bagura ibikoresho vy’ishure vy’abana. Benshi baridoga. Bavuga ko ibiciro vyaduze cane. Ikaye y’impapuro ijana yahora igurwa amafaranga y’amarundi 1200 igeze ku 2000. BNP-Magazine yagendeye hamwe mu hadandarizwa ivyo bikoresho. Ku gituro c’ama bus, ahahoze  isoko nkuru ya #Bujumbura.

« Ibiciro vy’ibikoresho vy’abana vyabaye ndanse ». Iyo ni imyidogo y’abavyeyi twasanze bariko bagura amakaye. Abenshi bavuga ko ugereranije no mu mwaka uheze vyaduze cane. Ikaye y’impapuro 100 yahora igurwa amafaranga 1200 ubu igeze ku 2000. Iya 60 igurwa 1500 yahora ku 1200. Nayo Iy’impapuro 48 yahora ku 650 igeze ku 1200. Si ivyo gusa. N’impuzu zo kw’ishure bita uniforome (Uniforme) ni nk’uko nyene zaraduze. Izahora ku mafaranga ibihumbi 5 zigeze kuri 10.

Immaculée Ndizeye ni umwe mu bavyeyi twahasanze. Yaguye mu gahundwe asanze biri uko. Ntiyarazi ko vyahindutse. « Narinzi ko ibiciro bikiri kwa kundi canke nsanga vyarakorotse”. Avuga yuko amahera yagiye yitwaje yamubanye make. Ku bwiwe ntabona ukungene agiye kubigenza mu gihe ibintu biduga ariko agashahara kakaguma ari kakandi. Yatwiganiye ko afise abana bane. Abo bose bariga. Umwe akoresha amakaye ashika 20. « Murumva ko nkoresha amahera ashika ibihumbi 150 ata bindi bikoresho vy’ishure ndagura. Ni menshi ! ». Asaba ababijejwe ko boraba bagashinga igiciro c’amakaye nk’uko babikoze ku mwaka uheze. Maze bose boroherwe.

Jérôme Hakizimana andandaza ibikoresho vy’ishure aho nyene. Asigura ko iryo duzwa ry’ibiciro ritava kuri bo. Ati : “Ikarato y’amakaye afise impapuro ijana yahora irangurwa amahera y’amarundi ibihumbi 140 ubu igeze ku mahera ari hagati y’ibihumbi 210 n’220.” Uwo mudandaza asigura kandi ko ubuzima busigaye buzimvye cane. Ku bwiwe ngo  inkomoko yavyo bwoba ari ubukene bw’igitoro bumaze igihe bwibonekeza mu gihugu.

Ikindi naco, asigura ko ukwiyunguruza mu gisagara bitoroshe. umuntu agiye kurangura ngo abishikana ku kibanza yakoresheje menshi. Bica biba ngombwa ko igiciro kiduga.

 

 




Leave a Reply

Your email address will not be published.