B-NP Magazine

Jean-Claude Hakizimana : « bateri y’imodoka ipfuye nt’uca uta »

Amabateri y’imodoka yapfuye ngo birashoboka ko asubizwa ubuzima, maze agasubira gukora ukuri kwamye. Ivyo bisigurwa na Jean-Claude Hakizimana, asanzwe akora uyo mwuga. Kandi ngo ntiyidoga uramwinjiriza n’ubwo utugorane tutabuze.

Hakizimana yize ibijanye n’umuyagankuba (électricité- industrielle). Ahejeje amashure yarakoze mw’ishirahamwe « Lacell.SU » (Smart). Yarahakuye ubumenyi bw’iyongera ku vyo yize mw’ishure. Akazi gahagaze, yaciye atangura kwiyungunganya. Kuva ico gihe aba aratanguye umugambi wo gusubiza ubuzima amabateri y’imodoka yapfuye. Canke akayashiramwo umuriro (recharger). Kenshi abarovyi ni bo bamushorera. Bayakoresha mu kiyaga bagiye kuroba.

Yinjiza gute ?

Ibateri yasubije ubuzima, ifise ubushobozi bwa (50 A) arigurisha amafaranga y’amarundi ari hagati y’ibihumbi 50 na 60. Iya (70A) ayigurisha ibihumbi 70. Ni mugihe ugiye kugura nshasha mu mangazani, iyifise ubushobozi bwa (40A) igurwa ibihumbi ijana na cumi (110.000), kandi ari yo nto. Hakizimana avuga ko abadashoboye kugira izo zizimvye baca baza kumushorera.

Aremeza ko izo yasubije ubuzima ziba zifise ubukomezi. Mbere ngo zirashobora kumara igihe kinini kurusha nshasha. Ati: « Zirya bagurisha mu mangazini usanga zimaze nk’amezi 3. Muri ico gihe zirashobora kuhatera ubukomezi kubera zitaba ziriko zirakora”.Hambavu y’ivyo arakora n’amasharijeri y’izo bateri.

Intambamyi

Hari igihe abamuzanira amabateri bishika ugasanga bazanye izirimwo, indani, amatafari canke ibiyo. Izo rero ntibikunda ko aziha ubuzima. Ngo kenshi bikunda gushika kuri zirya bateri ziva mu bindi bihugu nko mu bushinwa. Ngo barahangika utaravye neza. Kubera iyo mvo, asaba ikigo BBN kijejwe gusuzuma ubuziranenge ivyinjira mu gihugu kuhagabira.




Leave a Reply

Your email address will not be published.