B-NP Magazine

Iyo utazi iyo uva, ntumenya n’iyo uja!

Igisata kijejwe gushingura no kubungabunga inyandiko za kera (archives nationales) kiri mu gisagara ca Bujumbura gihanzwe n’ingorane zitari nke. Naho biri uko, uwugihagarariye asigura ko cari gikwiye kwitabwaho kuruta, kuko ari ngirakamaro ku gihugu.

“Kuba tudafise abakozi bakwiye kandi bazi ibijanye n’uwu mwuga, kuba iki kibanza dukoreramwo ari gito kandi kitorohereza kubika inyandiko,… ni zimwe mu ntambamyi zituma bitugora gushika kw’ihangiro muri iki kigo.” Uko ni ko  Emmanuel Barandunduye, arongoye ico kibanza yayagiye BNP Magazine.

Ku bwiwe, kuba kandi abatari bake badatahura akamaro ko kubungabunga inyandiko biri mu bituma na bamwe mu bategetsi canke abarongoye ibisata bitandukanye vyaba ivya reta canke ivy’abigenga batiyumvira kwikora kuri ico gisata.

Naho ico kigo cugarijwe n’intambamyi zitandukanye, gifise akamaro nta ngere ku gihugu. Barandunduye ati : “Iki ni ikibanza c’akamaro abigisha  n’abanyeshure bo muri kaminuza zitandukanye baza kugiriramwo ubushakashatsi, na cane cane ubujanye na kahise. Ivyo biri uko kuko menshi muma “rapports” yo mu ntara zose y’igihe Uburundi bwatwarwa n’abakoroni abitse ngaha.” Ikindi kandi, Barandunduye yasiguye ko n’ubu babandanya babira inyandiko ziriko amakuru y’akamaro ava mu bigo vya reta hamwe n’ivy’abigenga. Baraheza bakayabika kugira azokwikorweko muri kazoza, igihe vyoba bikewe.

Urwo rwego rwashinzwe mu 1979. Kuva ico gihe, mu kibanza kimwe rukoreramwo hashinguweyo ahanini inyandiko zo ku gihe Uburundi bwatwarwa n’abanyamanga. Ni mu kibanza kiri mu kuzimu mu nyubakwa y’ahahoze ubushikiranganji bw’ubutunzi. Uwo arongoye ico gisata yavuze ko muri iyi misi ya vuba batanguye kubika izo nyandiko mu buhinga bwa none, “numérisation”.




Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *