B-NP Magazine

Inyama zizigiye canke zumishijwe amavuta gusa, ziri mu bitera kanseri

Gufungura inyama canke ifi zizigiye bishobora kuba inyanduruko y’indwara ya kanseri. Gilbert Nankwahafi, umuhinga mu bijanye no gufungura  mu buryo bubereye (Nutritioniste), arasigura inyifato nziza yo kwirinda iyo ndwara mu gufungura ivyamwa n’imbonga mbisi bitandukanye ku munsi ku munsi.

Gilbert Nankwahafi amenyesha ko ibifungurwa birimwo ibinure bisatira : inyama batekesha amavuta gushika aho aba ikambiri, inyama canke ifi zokejwe zikazigira, bishobora kurema ubumara buzotuma uduce ndemangingo (cellules) tudashobora gukora neza, ngo twigwize vyoroshe, kandi ngo dushobore guhangana n’ibibazo vy’umubiri, ivyo ari vyo vyose.

Uwo muhinga avuga ko ubushakashatsi bwerekana ko umuntu afunguye inyama nk’izo, umubiri uca urema ubumara buruta urya muntu yirigwa aranywa itabi ku munsi ku munsi.  Asigura ko buca butuma amaraso atosekara (gucafura) bigatuma twa duce ndemangingo dutangura gusinzikara. Ntidusubira gukora tworohewe. Twama turiko turarwana n’ubwo bumara aho kurwanira umubiri. Ati : « Kanseri ica yaduka vyoroshe ».

Abandi ngo bashobora kugwara cancer vyoroshe ni abizizira ingaburo y’ubwoko bumwe (monotonie alimentaire) n’abanywa inzoga zikaze. Abantu bavyibushe cane na bo ngo barakarirwa n’iyo ndwara. Asigura ko uduce ndemangingo tumwe tumwe tudashobora gukora tworohewe kugira ico ari co cose ufunguye gishobore kutwinjiramwo. Kuko agace ndemangingo kose gategerezwa kuronka ivyunyunyu, amazi, insanganyangaburo.

Kuyirinda birashoboka

Nankwahafi ahimiriza abantu gufungura ivyamwa vyinshi, isalade, ikaroti n’imboga mbisi bitandukanye. Ivyo na vyo biri mu murwi wa nsanganyangaburo (aliments protecteurs).

Bifise ubushobozi bwo guhagarika (neutraliser) inguvu za vya binure vyari kuzurana mu mubiri wiwe ngo ushobore gusukurwa bivuye mu co bita « anti-oxydant » iri muri vyo. « Bisaba ko mu gufungura bija ku rugero ndinganire. Nyimba twafunguye ibintu birimwo ibinure bishobora gusatira mu kuzibira imitsi canke bigatuma kuvyibuha birenze, canke twafunguye ibintu bituma amaraso atosekara, ni vyiza ko haboneka ibiza gusukura canke ibituma uduce ndemangingo tworoherwa mwikora rya two ». Ikigo mpuzamakungu kijejwe kugwanya cancer co ku mugabane wa Amerika (American Institute on Cancer Research (AICR) kivuga ko wofungura ivyamwa vy’ubwoko butatu canke bune ku munsi.

Intambamyi

N’aho biri uko, ntivyoroshe kugira umuntu akurikize iyo nyifato. Cécile Nduwimana, ni umuvyeyi w’imyaka mirongo ine (40 ans). Aba muri karatiye Nyakabiga. Yabariye BNP Magazine ko gufungura neza bitagikunda kubera ibiciro vyaduze cane. Aratanga uburorero k’imboga : ishu (choux) yahora igurwa amafaranga amajana atanu (500 F) ubu igeze hagati y’igihumbi n’amajana atanu (1500 F) n’ibihumbi bibiri (2000 F). « Aubergine » na « Courgettes » imwe igurwa ibihumbi bibiri (2000 F) yahora ku gihumbi (1000 F) ». Arongera ati : « Hageze ku vyamwa ho, ubwanwa burafuka umunwa. Inanasi imwe yahora igurwa amafaranga amajana atanu (500 F) igeze ku gihumbi n’amajana atanu (1500 F). Imyembe ine (4) igeze ku bihumbi cumi (10.000 F). Imihwi bita utumaramasenge, agahando kamwe kagurwa ibihumbi bitatu (3.000 F). Ni mu gihe kahora kagurwa hagati y’igihumbi n’amajana atanu (1500 F) n’ibihumbi bibiri (2000 F). Ikiro c’amatunda cahora ku gihumbi n’amajana atanu (1500 F) kigeze ku bihumbi bitatu (3000 F) ». Munezero Salama, adandaza imicungwe n’imyembe kw’isoko ryo kuri « COTEBU », muri zone Ngagara. Asigura ko ibiciro vyaduze kubera aho bahora bayikura mu Rugombo (intara ya Cibitoke) yeruye. Muri ico gihe iyibonetse na bo ibazimba mu kuyirangura. Amenyesha ko batadandaza neza kubera amikoro make y’abaguzi.

Iyo ndwara yo ihitana benshi

Isidore Ntiharirizwa, umwunganizi w’umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu avuga ko mu Burundi, ibitigiri vy’abafatwa n’iyo ndwara bitazwi neza kuko ata kigo kijejwe kwegeranya ibiharuro vya kanseri bihari. Ariko ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe amagara y’abantu (OMS) mu gisata ca ryo kijejwe gutunganya ibiharuro vy’abafatwa (GLOBOCAN) cerekana ko mu Burundi mu mwaka w’2020 abantu bangana 7.929 bafashwe n’iyo ndwara.

Kuva 2020, ivuriro CMCK (Centre Medico-Chururigical de Kinindo) rimaze kwakira abantu 1.427 bikeka ko bayigwaye. Muganga Jean Bosco Nziyumvira ajejwe ico gisata, avuga ko abashoboye gupimwa bagakurikiranwa ari 465. Muri bo 390 ni abagwayi bakuze, 75 nabo ni abana.

Jérôme Ndaruhutse, akorera ishirahamwe mpuzamakungu ry’amagara y’abantu (OMS) mu Burundi amenyesha ko ku mwaka ku mwaka, abatorwa umugera wa kanseri muri Afrika barenga umuriyoni (1,1) ugahitana 700.000 muri ico kiringo nyene.

Bimwe mu biyitera ni : gutumura itabi, kutinonora imitsi, gufungura nabi, kunywa ibiyayuramutwe n’inzoga z’umurengera.

 

Uwanditse inkuru: Bigirindavyi Bonith




Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *