B-NP Magazine

Intamba zizeye ko zizotsinda Namibiya

« Zariteguye neza ». Vyashikirijwe n’umumenyereza w’Intamba mu Rugamba mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa kabiri. Hari imbere y’uko zifata urugendo zerekeza muri Afrika y’epfo aho zizotanira mu mitwe na Namibiya. Uru ni rumwe mu nkino zo guhiga uburenganzira bwo kuzokwitaba igikombe c’ibihugu vya Afrika (CAN2023) zizobera muri Côte d’Ivoire mu 2023.

« Imyimenyerezo imaze imisi igenda neza. Turipfuza gushira inguvu nyishi cane cane kuri uru rukino rwa mbere ruzoduhuza na Namibiya ». Uko ni ko Jimmy Ndayizeye, umumenyereza w’intamba mu Rugamba yamenyesheje. Hari mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru mu gitondo co kuri uwu wa kabiri, inyuma y’imyimenyerezo ya nyuma abakinyi bakoreye ku kibuga Intwari mu gisagara ca Bujumbura. Uburundi buzokina urukino rwa mbere rubuhuza na Namibiya kw’itariki 4 ruheshi.

Abajijwe ku ngorane abona umurwi amenyereza ufise, yishuye ko ahanini zijanye n’abakinyi bitakunze ko baza gufasha kubera imvo zitandukanye. Yagize ati : “Ntivyoroshe gukina abakinyi nka Berahino, Mutombo canke Nyange batarimwo. Umuntu arashobora kugerageza kubasubiriza ariko agahaze kaguma kibonekeza ». Ariko rero, Ndayizeye arahumuriza abakunzi b’umupira w’amaguru. Avuga ko abo bakinyi bazosubirizwa mu buryo bushoboka bwose.

Nayo ngo ico intamba zikeneye ahanini muri izi nkino zigiye kujamwo ni ugutekana mu mitima. Ni ko Tharcisse Tungabose, yahoze ari umumenyeshamakuru w’inkino ubu akaba yarakukurutse abibona. Ku bwiwe, biramaze kugaragara ko muri mwene izo nkino usanga mu minota ya mbere abakinyi b’intamba badatekana. Ngo ivyo bica biha akaberu uwo baba bariko barahiganwa ko kubatsinda muri mwene iyo minota.

Urwo rukino ni rwahera, hazokurikira uruzohuza Uburundi n’igihugu ca Cameroun itariki 09 ruheshi. Ruzobera mu gihugu ca Tanzaniya.

 




Leave a Reply

Your email address will not be published.