B-NP Magazine

Inkoko ni icitegererezo c’imico y’Uburundi

Kujisha inkoko n’ibiseke bifise intumbero nyamukuru zibiri : gukomeza umuco no kwiyungunganya. Ntahongendera Monika, w’imyaka 52, umukenyezi wo muri komine Bisoro, intara ya Mwaro  arabijisha. Arasigura amateka n’ikoreshwa rya vyo mu buzima bwa minsi yose.

Ntahongendera yatanguye kubikora akiri muto. Abavyeyi ni bo babimwigishije. Avuga ko babikora ku mugoroba bavuye mu mirima. Intumbero kwari kwigisha abana kumenyera gukora utundi dukorwa twobinjiriza amafaranga, iruhande yo kurima ivyibare. Na cane cane bagafatira ku mwuga abavyeyi bakuze bakora kugira batakiriho bawubasigire ntuzimangane kandi bawikenuze.

Ntahongendera arashima uwo mwuga kuko umufasha kurihira amafaranga abana baja ku mashure. Si ivyo gusa. Arikenura no mu tundi twankenerwa mu buzima bwa minsi yose. Uwo mwuga yarawigishije n’abandi bakenyezi batandatu.

Ibikoreshwa

Mu kujisha bakoresha ivyatsi bita urwamfu, intaretare, urushinge, inyuzi z’igunira n’uruhindu. Aho abandi bakoresha ishinge mu mihiro, bo bakoresha ibigaga vy’ibitoke. Avuga ko bikomeza inkoko kurusha ivyatsi. Ahegereye urufunzo, bakoresha intamyi mu kibanza c’ibigaga.

Inkoko ziri mu mice. Icibo, ni kuvuga inkoko ntoya, intemere bisigura inkoko nini. Mu kuzijisha, imwe yose iba ifise umufundikizo wa yo. Nivyo bita indumane. Ibiseke na vyo nyene biri mu muryango w’inkoko kuko babijisha mu bikoresho bimwe. Ntahongendera agurisha icibo ibihumbi 5, indumane irenza igemeri zibiri ibihumbi 6. Igiseke na co ibihumbi 20 n’ayarenga.

Ibiseke babijisha baduga hejuru, bigashusha n’inkangara ariko ntizizishikire mu bunini. Ibiseke rero vyarasubiriye inkangara mu kugemura na cane cane mu bisagara. Birabangutse kuko bitekerwamwo ibigereranye.

Amateka y’inkoko

Ntawodondagura ngo aheze amateka yayo. Mu manza zibera cane cane mu gihugu hagati, bariko barasoma inzoga y’ibitoke, y’uburo canke y’amasaka, inkoko bayishirako imikenke, bigatanga icubahiro. Umutsima (ubugari) bawufungurira mu nkoko. N’icakunze bagitereka mu cibo mu kuzimana amata umuntu. N’iyo abantu bagemuye ibintu bigereranye, ni yo babitwaramwo, zifundikiye. Ni zo bita indumane. Ijambo gusubiriza mu ndumane rituruka ngaho nyene. Iyo umuntu yagemuye, abo yagendeye na bo bamutekerera ibintu bitandukanye n’ivyo yagemuye muri za nkoko nyene. Ariko n’aho yogemura mu giseke, bavyita gusubiriza mu ndumane.

Mu nyuma vyafashe intumbero y’uko baba bishuranye. Umuntu akugendeye nawe uramugendera. Bavuga ngo wamusubirije mu ndumane. Bivugwa uko nyene n’iyo umuntu agiriye nabi uwundi hanyuma akamwishura.




Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *