B-NP Magazine

Indagara ubu ni rya nawe !

Ikiro c’indagara cahora ku mafaranga ibihumbi 60 ubu kigeze ku bihumbi 18 gusa vy’amafaranga y’amarundi. Uyu musi baba abazifungura canke abazidandaza nta widoga. Basigura ko ivyo biciro vyamanutse kubera ko ubu ari igihe c’uko ziboneka ku bwinshi. BNP-Magazine yagendeye isoko rya Cotebu riri mu gisagara ca Bujumbura kuraba uko vyifashe.

Hari isaha zitanu zo mu gitondo aho twashika muri ryo soko. Ugeze mu kibanza c’aho banda indagara wakirwa n’isinzi ry’abantu. Abo bose bariko bacanacanako barondera ako kaboga. Mu ndwi yahera igiciro cazo cari hagati y’amahera ibihumbi 90 hamwe n’ibihumbi 60. Ariko uwu musi cari hagati y’ibihumbi 50 na 18. Indagara nini bita « Akarumbo » ni zo zahora zigurwa ibihumbi 90 ku kiro ubu ziri kuri 50. Ntonto bita « Akaruzo » na zo zahora ku bihumbi 60 uyu musi zagurwa ibihumbi 18 gusa ku kiro. Abasumyi ba zo baganiriye na BNP-Magazine basiguye ko bari barahevye kuzifungura kuko zari zizimvye cane.

Anitha Kwizera ni umwe mu bakunzi ba zo twasanze ariko arazisuma. Yari ahimbawe cane. Ngo si we abona arazishikanye mu rugo. Ati « sasita ni zo nza kwihereza ndazikoze ubugari. Nabiheruka kera ». Asigura ko ari ifungurwa yari yaramaze kwikuramwo. Ibiciro vy’indagara vyaduga ku musi ku musi. Vyarasiga ubwenge. Ku bwiwe ngo indagara zari zisigaye ari ifungurwa y’abifise. Yasiguye ko vyagiye kwunyuka igihe baburije ibagwa ry’ibitungwa nk’inka, impene n’intama kubera inyonko yo mu kiyaya ca Rift. Ibiciro vyaciye biba ndanse. Ariko uwu musi uwo muvyeyi arashima cane. Ati «Kubona vyagabanutse ku bice birenga 60% vyerekana ko ibintu bigira bisubire mu buryo ». Asaba ababijejwe gukora uko bashoboye kugira n’ibindi bifungurwa bigabanuke ibiciro.

Sylvestre Bucumi nawe ni umudandaza w’indagara kuri iryo soko. Asigura ko ibiciro bihindagurika bivanye n’uko umwimbu wabonetse. Iyo ari mu gihe ca zo zica ziba nyinshi cane. Zica zirangurwa amahera make. Na bo bagaca bazigurisha amahera make nyene. Yagize ti « Burya iyo zaduze igiciro natwe ntitworoherwa kuko nta bakiriya dusubira kuronka. Hari n’aho zononekera tugasesa. Murumva namwe ko ruba ari uruhumbo runini». Uwu musi nawe nyene yari yishimiye uko ibintu vyifashe.Yongeyeko ati: « Indwi iheze nadandaje ibiro bidashika na 10 mu mufuko urimwo ibiro 100. Sinabona neza aho nzokura amahera y’ibikoresho vy’ishure vy’abana ». Ariko yasiguye ko ayo makenga ubu atayo akigira, bivanye n’uko abona ubu zisohoka neza.




Leave a Reply

Your email address will not be published.