Ku myaka 18 yiga mu wa kane, mw’ishure shingiro « Ecofo Ntahangwa », mu gisagara ca Bujumbura. Ni Kennedy Nihorimbere asanzwe ari n’umuririmvyi. Avuga ko yagerageje kwiyungunganya muri vyinshi biranka kubera atize, aca afata ingingo yo gusubira kw’ishure. Yaganiriye na BNP Magazine.
Nihorimbere avuka mu ntara ya Rutana. Yagerageje gukora imyuga itandukanye harimwo kudandaza no kuririmba. Ariko ngo ntivyamworoheye kubera ubumenyi buke yari afise. Yaciye afata ingingo yo gusubira ku ntebe y’ishure. Uwu musi, ku myaka 18, ari mu mwaka wa kane muri Ecofo Ntahangwa. Yigana n’abana arusha imyaka ishika 10. Nihorimbere avuga ko bitoroshe ariko agumizako: « Nigana n’abana bato cane. Bamwe barantwenga abandi bakantahura. Ariko ntaco bintwaye kuko mfise intumbero yo kwiga gushika ndonke urupapuro rw’umutsindo. Gutyo mbone gutera imbere nk’abandi».
Nihorimbere yahagaritse amashure ageze mu mwaka wa kabiri. Ico gihe yiga muri Ecofo Gitanga mu ntara ya Rutana. Yari afise imyaka 14. Amaze kuyaheba yaciye atangura akazi ko kudandaza abifatanya no kuririmba. Ariko ntivyamworoheye namba! Avuga ko yahaboneye amakuba menshi kuko atari azi gusoma no kwandika. Yagize ati: « Abantu baraza kunshorera ibintu bakampa amahera nk’ibihumbi cumi. Hageze ko ndabagarura nasanga nabasubije menshi kubera ukutamenya ibiharuro ». Ivyo rero vyatumye umukoresha wiwe ashaka kumufungisha. Yahavuye amwirukana.
Mu nyuma, Nihorimbere yaciye aja mu vy’umuziki, kubera yari asanganywe impano zo kuririmba. Naho nyene ntivyamwereye. Mu mahiganwa yajamwo ntiyagera kure. Avuga ko yigeze kuba uwa mbere mw’ihiganwa ryabereye mu ntara avukamwo. Vyari bitegekanijwe ko ababaye aba mbere baca baja guhiganwa n’izindi ntara z’igihugu. Ariko basaba ko uba ufise impapuro z’ishure. Izo nazo uwo musore ntazo yari afise. Abura gutyo amahirwe yo kubandanya. Yatwiganiye ko uwo musi yababaye cane.
Nihorimbere mu myaka ibiri amaze asubiye mw’ishure yaratanguye kubona akarusho. Asigaye azi gusoma no kwandika. Avuga ko ubu yiyandikira indirimbo aririmba. Ageze ku ndirimbo zitatu.