B-NP Magazine

Imiti kama yoba ivura ?

 

 

Mu mukaratusi ngo harashobora kuvamwo amavuta (huiles essentielles d’eucalyptus), afasha abagwayi b’indwara zo guhema. Bisigurwa na Comme Rarana asanzwe ahingura ayo mavuta abicishije mw’ishirahamwe ryiwe « STHEE RUMINA », rifise icicaro muri komine Mugamba i Bururi.

Muri izo ndwara avura harimwo, ibicurane na bronchite. Ngo n’abagwaye ikiza ca Covide-19, ayo mavuta arabafasha. Nk’uko Rarana abisigura, mugukora ayo mavuta ntaco yongeramwo. Ni umukaratusi gusa (100% naturel). Aradusigurira ukuntu abigenza mu kuyahingura:” mfata amababi y’imikaratusi nkayateka mu mashine yabigenewe mu kiringo c’amasaha 2. Mpejeje ncankuramwo umwuka wa mbere wonyene. Uwo ni wo mpeza  ngakuramwo amavuta y’umuti (huiles essentielles). Araheza akayabuganiza mu gacupa ka miriritiro 10 (10ml). Kamwe kagurwa amafaranga ibihumbi 10 vy’amarundi.

Uwo muvuzi kama avuga ko umurwayi mugukoresha uwo muti asuka mu biganza utuma tubiri agaheza akamotera gushika ukinjira mu mutwe. Ngo nk’uwugwaye ibicurane aca yumva azibutse.

Yipfuza kumenyekanisha ayo mavuta yiwe mu gihugu cose, gusa ngo afise ikibazo c’uburyo. Asaba ababishoboye ko bomushigikira.




Leave a Reply

Your email address will not be published.