B-NP Magazine

Imisegetera irenga imiriyoni 6 izohabwa abanyagihugu muri Nyakanga!

Kuva ku wa 06 gushika ku wa 18 nyakanga ni ho hazoba isekeza ryo gutanga imisegetera ingana 6.605.431 irimwo umuti wica imibu mu ntara 16 kuri 18 zigize Uburundi. Vyavugiwe mu nama yo kwerekana aho imyiteguro y’iryo sekeza igeze, kuri uwu wa 04 myandagaro. Yari yahuje bamwe mu bajejwe intwaro, ubuvuzi, abamenyeshamakuru hamwe no mu gisirikare n’igipolisi.

Iryo sekeza ryo guha abanyagihugu imisegetera irimwo umuti wica imibu ryatanguye mu mwaka w’2009. Ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu bwatoye uwo mugambi kugira buhangane n’ikiza c’indwara ya malaria, cari cabaye ikiza. N’uwu mwaka, kiretse intara za Ngozi na muyinga, izindi zose zisigaye bitegekanijwe ko zizoyironswa. “Icatumye izo ntara zibiri zitarabwa n’iryo sekeza uwu mwaka ni uko ubu zisanzwe zifise abaremeshakiyago baza baraca mu mihana, maze aho basanze umusegetera ukenewe bagaca bawubaronsa.” Uko ni ko Marceline Nibakire, akora mu murwi w’igihugu ujejwe guhangana n’ingwara ya malaria yabisiguye.

Nk’uko yabigarutseko mu cirwa yatanze, ngo abanyagihugu bategerezwa kuzomenya kubungabunga iyo misegetera. Aho harimwo kuyimesa igihe yatabutse, hamwe no kuyishona. Yasiguye ko hariho abantu batazi ko imisegetera imeswa canke ibarirwa. Ariko ngo birayifasha kuramba no gukinga neza imibu itera malaria. Mu bijanye no kuyibungabunga kandi, harimwo  kuyikoresha ico yagenewe gusa. Ico na co ni ukuyiryamamwo buri joro, mu ntumbero yo kwingira malaria. Harimwo kandi kutayigurisha canke kuyirobesha canke kuyikoresha mu kwanikira ibintu.

Ikindi kandi, ngo hariho abantu baba mu makaritye “y’abanyabirato”, batemera guhabwa imisegetera nk’abandi. Babona ko kwoba ari ukwisuzuguza. Ariko rero, ngo igitangaje ni uko usanga muri mwene ayo makaritye nyene malaria na ho nyene yariraye. Ivyo ni ko biri kuko n’iyo baguze imisegetera bo bita ko ari myiza usanga ata muti wica imibu urimwo. Abakozi bo muri uwo murwi ujejwe guhangana n’ikiza ca malaria basaba abantu bose kuzokwakirana urweze iyo misegetera be no kuyikoresha.

Imbere yo kuronswa imisegetera, hazobanza kuba kwiyandikisha.Abazoba biyandikishije bazoshobora guca batora imisegetera bukeye bw’aho. Bitegekanijwe ko hazotangwa umusegetera umwe ku bantu babiri. Uwo agapapuro yiyandikishirijeko kazotakarana ntazoronka umusegetera.

Abashinzwe ico gikorwa mu bushikiranganji bafatanijwe n’amashirahamwe aherekeza reta mw’iterambere basaba abarundi kuzokwitabira ako kamo babikunze, no kworohereza abazoba bariko bakora ico gikorwa.




Leave a Reply

Your email address will not be published.