B-NP Magazine

Imirwi irwanira muri DR Congo isabwa gushira ibirwanisho hasi

Umukuru w’igihugu ca Kenya, Uhuru Kenyatta, yasavye imihari yitwaje ibirwanisho ikorera muri Repubulika iharanira demokarasi ya Kongo gushira ibirwanisho hasi, gurtyo ije mu mugambi wo kugarukana amahoro n’umutekano muri ico gihugu.

Nk’uko tubisoma ku rubuga rw’ibiro vy’umukuru w’igihugu, Kenyatta abwira iyo mihari ati : « … mudashize ibirwanisho hasi ngo muheze mugire urunani ntamenwa rwo kuronderera ituze RD Congo, ntimuzokwigera mushikirwa n’umwimbu uva mw’itunga kama ry’iki gihugu ».

Uwo arongoye Kenya akaba kandi aramutswa n’umuryango w’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko, yongeye ko ati : « Birihutirwa ko abantu bose bafise ugushaka baja hamwe bagashiraho umushinge w’iterambere mu gukorera hamwe batarambirwa mu ntumbero yo kurondera amahoro arama ».

Nk’uko urubuga rw’ibiro vy’umukuru w’igihugu wa kenya rubandanya rubivuga, Uhuru Kenyatta arakengurukira imihari imaze kwitaba ibiganiro biyihuza na reta ya RD Congo, bihagarariwe na Kenya. Uyu mutegetso ayizeza ko azokwumviriza ibibazo vya yo yongere ayironse umutekano. Intumbero y’ibi biganiro, ni ukuyisubiza mu buzima busanzwe.

Amakuru atangwa na BBC Gahuza avuga ko muri DR Congo harwanirayo imihari irenga 100. Uwukomeye cane ni M23. BBC Gahuza ivuga ko uwu muhari uherutse kwirukanwa mu biganiro vy’ i Nairobi. Vyasabwe na reta ya Congo. Yawagirije kuguma igira ibitero.

Ku w’Imana uheze, umukuru w’igihugu ca Ouganda n’uw’Urwanda, mu mubonano bagiraniye i Kampala, bumvikanye ko bagiye gushira inguvu mu kuronderera akarere amahoro n’umutekano. Mu ndwi yahera, abakuru b’ibihugu bihana urubibe na RD Congo bari bahuriye i Nairobi mu nama yo kwiga ikibazo c’umutekano muke urangwa muri ico gihugu. Mu vyo bumvikanye harimwo ko hashobora kurungikwayo inteko z’umuryango wa Afrika y’Ubuseruko kugarukana amahoro.




Leave a Reply

Your email address will not be published.

Open chat