B-NP Magazine

Imbo Rallye Sprint 2022: Umurwi wa Valéry Bukera na Khetia Nital ni wo watahukanye ikibanza ca mbere

 

 Kuri uwu wa 27 ntwarante, intara ya Bubanza yarakiriye ihiganwa ryo gusiganwa n’imiduga, Imbo Rallye Sprint 2022. Hari muri komine Gihanga, intara ya Bubanza.Ku mirwi 10 yaryitabiriye, 6 gusa niyo yarihejeje. Valery Bukera ni we yatahukanye ikibanza ca mbere. Abarongoye iryo higanwa barashima uko ryagenze.

 Iryo higanwa ryabereye mu bibanza bibiri: abahiganwa batanguriye nk’isaha 4 z’umurango mu kiyaya ca SRDI Imbo, kiri muri komine Gihanga. Igice kigira kabiri c’iryo higanwa cabereye mu kiyaya kiri ku mutumba Gihungwe, aho nyene mu komine Gihanga. Isinzi rigizwe n’abakunda ivyo birori baje bava mu gisagara ca Bujumbura hamwe n’abasanzwe bavuka aho nyene I Gihanga bari bakubise harazima.

Ihiganwa ryamaze umusi umwe gusa. Hahiganwe imigwi cumi y’abatwara imiduga. Umugwi umwe uba ugizwe n’umushoferi hamwe n’umufasha wiwe. Abahiganwe bose bari abarundi. Siko vyahora. Mu yandi mahiganwa nk’ ayo, hakunda kubamwo abadereva b’abanyamahanga. Ku miduga cumi yatanguye ihiganwa rya Imbo Rallye Sprint 2022, hashoboye kurangiza ihiganwa itandatu yonyene. Iyo ine yagiye iragira ibibazo vy’ubuhinga. Umurwi Momo Rally team, wari ugizwe na Roshannali Mohamed Abbas hamwe na Christophe Bigirimana warababaje cane abarorerezi, wagize ingorane z’ubuhinga mu gihe vyibonekeza ko ari bo bariko bitwara neza kuruta iyindi mirwi.

Adon Negamiye, ajejwe ivy’amasiganwa muri Club Automobile du Burundi, ishirahamwe ritunganya ayo mahiganwa, yamenyesheje ko ihiganwa ryabaye kuri uwu w’Imana ryagenze neza. Ngo ivyo biri uko kuko iyo batunganije ihiganwa baza bararonka uburambe .Yanaboneyeho kumenyesha ko irindi higanwa nk’iryo rizosubira gutunganywa mu kwezi kwa Myandagaro, hama mu kwa Munyonyo. Iryo rya nyuma rizoba ari iryo gutegura ihiganwa ryo gusiganwa n’imiduga Uburundi bwimirije kuzokwakira ku rwego rwa Afrika. Nk’uko Negamiye yabimenyesheje, iryo higanwa ryo ku rwego rwa afrika Uburundi buzokwakira ntiharamenyekana ibibanza rizoberako. Hazobanza kuza intumwa zo ku rwego rwa Afrika, kugira zemeze ibibanza bibereye kuberako iryo higanwa.

Uretse umurwi wa Valéry Bukera na Khetia Nital  watahukanye ikibanza ca mbere mu gukoresha umwanya ungana n’iminota 27 n’amasegonda 40, iyindi mirwi yakurikiranye uku gukurikira:

Ikibanza ca 2: Awandin Imtiaz arikumwe na Rukundo Alain bagize umwanya ungana n’iminota 31 n’amasegonda 11

Ikibanza ca 3: Umugwi ugizwe na Uwamahoro Désiré Aimable hamwe na Maceri Dias ku iminota 31 n’amasegonda 59

Ikibanza ca 4: Umugwi ugizwe na Nkurunziza Lionel na Nkurunziza Constantin ku iminota 34 n’amasegonda 38

Ikibanza ca 5 : Umugwi ugizwe na Remezo Christian na Gahuragiza Jean Marie ku iminota 35 n’amasegonda 18

Ikibanza ca 6: Umugwi ugizwe na Basabose Prince na Salim Abdallah ku iminota 38 n’amasegonda 53

 




Leave a Reply

Your email address will not be published.