B-NP Magazine

Ihuriro ry’abakenyenzi b’indongozi rigira gatatu rizotangura mu ndwi iza

« Amagara meza no gufungura neza ku bavyeyi, ibibondo n’imiyabaga » ni co civugo ihuriro ridazanzwe ry’abakenyezi b’indongozi ry’umwaka (Forum national de haut niveau des femmes leaders, 3ème édition) rizoshimikirako.

Ritegekanijwe kuzoba kuva ingenekerezo rya 10 gushika iry’12 Nyakanga mu gisagara ca Bujumbura. Vyashikirijwe na Jean-Bosco Girukwishaka umunyamabanga shingwabikorwa wa OPDD Burundi (Office de la Première Dame pour le Développement). Ni ishirahamwe mu vyo rijejwe harimwo kugwanya ingwara zituruka ku gufungura nabi).

Nk’uko uwo mushingwabikorwa yabimenyesheje mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa mbere, iryo huriro baritunganije kugira bigire hamwe ivyokorwa mu ntumbero yoguteza imbere amagara meza ku bakenyenzi, ibibondo no ku miyabaga biciye mu nzira yo gufungura neza. Bizotuma barandurana n’imizi indwara ziturutse ku gufungura nabi haba ku bana badashikana imyaka 5 n’abageze muza bukuru.

Muri iryo huriro harategekanijwe kandi ivyirwa bitandukanye bizotangwa n’abahinga ku bakenyenzi b’indongozi kugira baronke ubumenyi n’ubushobozi muri ico gisata maze na bo bazobisangize abandi.

Iri huriro rikazokwitabwa n’abatambukanyi bamwe bamwe b’abakuru b’ibihugu vya Afrika, abarongoye ibisata mpunzamakungu muri Afrika, inzego nkuru za Reta y’ #Uburundi, abikorera utwabo, abaserukira amashengero, imigambwe, n’abandi. Uretse OPPDD, rifashwe mu mugongo kandi n’amashirahamwe nka  Unicef, PAM, ONUFEMMES na FNUAP asanzwe afasha mw’iterambere ry’Uburundi.




Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *