B-NP Magazine

Ihiganwa mpuzamakungu rya tenis rigiye kubera mu Burundi

Uburundi buriteguriye kwakira ihiganwa mpuzamakungu ry’inkino za Tennis W25 rizobera mu gisagara ca Bujumbura kuva igenekerezo rya 3 gushika igenekerezo rya 17 Ndamukiza 2023.

Gilbert Nibigirwe arongoye ishirahamwe ry’abakinyi ba Tennis mu Burundi, yamenyesheje ko igenekerezo rya 13 Ndamukiza uyu mwaka umukinyi Sada Nahimana ariwe yatowe ngo aserukire Uburundi muri izo nkino. Buzoba bubaye ubwa mbere uwo mukinyi ahagararira Uburundi mu nkino  zatunganirijwe mu gihugu ciwe.

Nibigirwe yavuze ko izoba ari incuro ya mbere uburundi bwakira inkino nk’izo. Hitezwe abakinyi barenga 120 hamwe n’abamenyereza babo baturuka mu bihugu bitandukanye vyo kw’isi.  Sylvère Bankimbaga, arongoye iryo higanwa, yemeje ko abiyandikishije kwitaba izo nkino barenga 500 bakomoka mu bihugu birenga 50.

Iryo higanwa ryateguwe n’ishirahamwe mpuzamakungu rya tennis (ITF) rifatanije n’ishirahamwe rya Tennis ryo mu Burundi.




Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *