B-NP Magazine

Ico abarundi mu butandukane bwabo biyumvira ku kwikukira

 

 

Kuri uyu wa 30 ruheshi, ikinyamakuru Jimbere gifadikanije n’igisagara ca Bujumbura, berekanye amasanamu 60, y’abatanze ivyiyumviro mu gihugu cose, ku myaka 60 uburundi bumaze bwikukiye. Ico gikorwa cafashwe mu mugongo n’igihugu ca Swisse, biciye mu mugambi “ku ziko” w’ico kinyamakuru.

 

 Abantu bagize ico bavuga ku kwikukira kw’uburundi bafashwe amasanamu, bafise hagati y’imyaka 12 na 82. Bakora imirimo itandukanye. Abanyeshure, abubatsi, ababaji, abamenyeshamakuru, abakora ubuzi bwa Reta, abubatsi, n’abandi. Bishura ku bibazo bibiri: “ku bwawe, ukwikukira ni iki? Ni ikihe gikomeye mu buzima bwawe? ». Gaudence Ndacayisaba, umukenyezi akora umwuga wo kubaza. Afise imyaka 19. Kubw’iwe ukwikukira ni gushobora kwiga yorohewe, atekaniwe. N’aho arwaye amaso, igikuru ni ko afise umwuga, aronka ikimubeshaho. Ashaka kubaho anezerewe.

Bizimana Christophe, ahingura utugenegene mu biti. Afise imyaka 34. Kuri we, ukwikukira ni mu gihe igihugu cigenga kandi bikakuzanira inyungu nk’umwenegihugu. Ngo n’igihugu gikeneye kwigenga ubwa mbere. Nta gitugu kiba kikihari. Abenegihugu baba bafise uburenganzira bwo gukora, kwiyumvira bishasha no kwiteza imbere. Igikomeye kuri we, ni ibihe vyo kwiyumvira, igihe anezerewe no kubaho hamwe no kwama yiteza imbere.

Uwimana Dative, umunyamideri, afise imyaka 24. we, abona ko kwikukira ari gushobora gukora ibikorwa utarinze gusaba uruhusha uwundi muntu. Ngo iyo nsigura ikora kuri reta cane kurusha ku benegihugu. Asigura ko ari bwo bwigenge nyakuri. Avuga ko ivyo yaciyemwo mu buzima bwiwe bihambaye. kubera umuryango wiwe utifise, yimenyereje kwifatira ingingo no kuzijishira mu ngiro wenyene. Yaratahuye akamaro n’agaciro k’umukenyezi mu Burundi: kwiyubara, kutakira amafaranga y’abagabo n’ibindi nk’ivyo. Kurondera kwigenga muvy’ubutunzi bidatevye. Yemeza ko ari vyo vyatumye aba umwigeme mwiza w’akaranga yakunzwe kurusha abandi mu Burundi, mu gutorwa n’abenegihugu benshi mu mwaka w’2021.

Roland Rugero arongoye ikinyamakuru Jimbere arashima kubona abarundi bo mu myuga itandukanye, bashikiriza uko babona ishusho y’uburundi inyuma y’imyaka mirongo itandatu igihugu cikukiye. Valentin Zellweger, aserukira igihugu ca Suisse mu Burundi na wene arakenguruka igikorwa caranguwe n’umurwi wagiteguye.

Izo sanamu zimanitse ku ruzitiro rw’ikibanza citiriwe ukwikukira ku murwa mukuru w’ubutunzi i Bujumbura.




Leave a Reply

Your email address will not be published.