B-NP Magazine

Ibihugu vya Buraya vyaraye bikuye ibihano vyafatiye Uburundi

Gukura ibihano ku Burundi vyakozwe n’ishirahamwe ry’ibihugu vya Buraya ku wa 8 ruhuhuma 2022, vyerekana ko Reta yateye intambwe mu bintu vyari biteye impari hagati y’iyo mirwi ibiri. Iyo ngingo ikaba yashimishije umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye.

Mw’itangazo rigenewe ibimenyeshamakuru, ishirahamwe rya Buraya ryavuze ko rikuyeho ibihano vyari vyarafatiwe Reta y’Uburundi kuva mu 2016. Bikaba vyari bishingiye ku guhagarika intererano ku nteguro y’amafaranga Reta ikoresha yababa ibice 50%. Iryo shirahamwe ryuguruye imiryango yo gusubira gufashanya.

Iyo ngingo ni umwimbu w’ibikorwa vya politike bishimishije vyakozwe n’abajejwe intwaro kuva mu matora ya 2020. Akarorero ni inama yabaye igenekerezo rya 2 Ruhuhuma 2021, umushikiranganji ajejwe imigenderanire Albert Shingiro yagiraniye i Bujumbura n’abahagarariye ibihugu bigize ishirahamwe rya Buraya bakorera i Burundi (Ubufaransa, Hollande, Ubudagi n’Ububirigi), mu nama bise « Ibiganiro vya politique ».

Imvugo y’uwaserukiye Reta y’Uburundi yumvikana ko Reta yafashe intumbero yo guhagarika kwagiriza ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya, n’ibihugu birigize  kuba inkwezi y’amarere y’amabi yose yagiye arashikira Uburundi, imvugo yayiranze kuva mu 2015. Shingiro ati: « Ivyo twapfuye muri kahise bitegerezwa kurangira. Kuja imbere si kuguma uraba inyuma canke utava aho uhagaze. Ibidutandukanya ni bike kurusha ibiduhuza”.

Reta yarateye n’iyindi ntambwe mu gisata ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya ryari rihagazeko cane: kwugurura ibinyamakuru vyafatiwe ibihano no gutanga uburenganzira bwo gushikiriza ivyiyumviro. Muri iyo ntumbero, haruguruwe radio Bonesha FM, ikinyamakuru Ikiriho, radio BBC irahabwa uburenganzira bwo gusubira gukorera mu Burundi, umukuru w’igihugu aratanga ikigongwe ku bamenyeshamakuru batatu ba “Groupe de Presse Iwacu” bari bamaze umwaka bapfunzwe, bararekurwa, n’ibindi..

Mu gufatira ibihano vy’ubutunzi Uburundi, ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya ryisunze ingingo ya 96 y’amasezerano ACP-EU (Afrique Caraibe et Pacifique-EU) ajanye no kwubahiriza agateka ka zina muntu, demokarasi, hamwe n’intwaro ibereye.

Guhagarika iyo mfashanyo vyatumye Reta iduza amakori, yongera iza irikora ku bindi bihugu nk’ubushinwa. Ubutunzi bw’igihugu bwarahungabanye, ifaranga riratakaza agaciro, amafaranga y’agaciro arakena.

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter yashimiye ishirahamwe rya Buraya ku co yise “ingingo ya gishingantahe yo gukuraho ibihano vy’ubutunzi vyari vyarafatiye uburundi”. Yaboneyeho kwibutsa ko imiryango yuguruye kuri uwo wese ashaka gukorera mu Burundi.

Ibihano bikaba vyandurutse ku ndyane za politique zavuye ku ngingo y’Umuhisi Petero Nkurunziza yo kwitoza mu 2015 mu kibanza c’umukuru w’igihugu mu kindi kiringo. Ibitakiriwe kumwe na bose.




Leave a Reply

Your email address will not be published.

Open chat