B-NP Magazine

Ibiciro vy’amakaye biracari akananirabahinga!

Ku wa 19 myandagaro, ishirahamwe rihingura amakaye PACOBU ryarashinze ibiciro ntarengwa yodandajweko muri uwu mwaka w’ishure w’2022 ushira uw’2023. Ariko rero, ntivyaramye. Abadandaza ayo makaye basigura ko batakironka iyo bazirangura, ibica bituma zizimba.

Marie Niyonkuru ni umwe muri abo badandaza. Akorera hampande y’ahahora isoko nkuru ya Bujumbura. Yagize ati : « Amakaye aragoye kuronka. PACOBU igitangaza ibiciro ntarengwa twari tuzi ko ibintu bigiye gutora umurongo. Ariko si ko vyagenze. Ikarato vyari bitegekanijwe ko turangura ku mafaranga 215.000 ubu igeze hafi ku 270.000 ».

Uwo mukenyezi asigura ko bica bituma we hamwe na bagenziwe bagurisha amakaye baba baranguye ku biciro bitabahomvya. Kandi ngo nta n’uwubahuka kuza kubabaza igituma baradugije. Yayagiye BNP Magazine ati : « Ikaye y’impapuro ijana tuyigurisha amafaranga ibihumbi bibiri. N’ubundi n’ah’ibanga tuba tuyigurisha nk’ibihumbi bibiri n’amajana abiri kugira ntiduhombe, twisunze uko tuba twaranguye. » Aho rero ivyo biciro vy’ikaye y’impapuro ijana biri uko mu gihe ivyasohowe na PACOBU vyovyo vyategekanya ko iyo kaye nyene yogurwa amafaranga 1650.

Bamwe mu bandi badandaza bakorera muri ico kibanza  basigura ko hashobora kuba hari abadandaza bakurubakuru (grossistes) bikika mu kiza mu kutazisohora kandi baziranguye. Basaba ishirahamwe PACOBU gukurikiranira hafi ko amakaye yose asohoka ashikira neza abadandaza batobato hamwe n’abanyagihugu. BNP Magazine yagerageje kuganira n’abo mw’ishirahamwe PACOBU, ariko ntivyashobotse.

Aha twokwibutsa ko ubu amakaye yose, agurwa kumwe. Ni mu gihe mu ntango amakaye akorwa na PACOBU yagurishwa ku giciro kiri munsi ugereranije n’ayandi akorerwa mu bindi bihugu.

 

 

 

 

 

 

 




Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *