B-NP Magazine

Hemejwe itegeko rigenga gukoresha inguvu za nikleyeri

Inama nshingamateka yo mu Burundi yemeje, kuri uwu wa kane, ibwirizwa rigenga ikoreshwa ry’inguvu za nikleyeri (Loi nucléaire. Ryatowe ijana kw’ijana.

Izo nguvu zisanzwe zikoreshwa mu bitari bike. Akarorero : mu vya gisirikare, mu vy’umutekano, mu mu vy’umuyagankuba, n’ibindi. Ariko reta y’Uburundi izozikoresha mu buryo bw’amahoro no mu vy’umuyagankuba. Ni mu gihe kino gihugu gihanzwe n’ubukene budasanzwe bw’umuyagankuba. Ibice birenga 80 kw’ijana vy’abarundi ntibafise umuyagankuba.

Nk’uko vyashikirijwe n’umukuru w’inama nshingamateka Gélase Ndabirabe, izo nguvu Uburundi bushobora kuzozikorako mu bijanye n’uburimyi n’ubworozi, mu bijanye no kumena amabuye, gukwega amazi, n’ibindi.

Mu kwezi kwa kane mu mwaka uheze, ibihugu vy’Uburundi n’Uburusiya vyarashize umukono ku masezerano yo gufashanya mu bijanye n’ikoreshwa ry’inguvu za nikleyeri mu nzira y’amahoro. Uburusiya bwaserukiwe na Sosiyete ROSATOM yanonosoye ivy’izo nguvu. Uburusiya kandi ni kimwe mu bihugu bibiri vya rutura kw’isi bifise ubuhinga budasanzwe mu bijanye na zo.

Mu biri mu masezerano, harimwo ko ROSATOM ishobora gufasha kwubaka inyubako zikora ibijanye n’inguvu za nikleyeri mu Burundi, kwigisha abanyagihugu ivyerekeye ubuhinga bwa zo, kwigisha ibijanye no kuzikoresha mu vy’uburimyi, mu bijanye n’amahinguriro n’ibindi.

Uburundi rero buhambije ibindi bihugu vyo mu karere ka Afrika y’ubuseruko (EAC) vyabwitangiye mu gushiraho amasezerano n’amategeko agenga ikoreshwa ry’izo nguvu.




Leave a Reply

Your email address will not be published.

Open chat