B-NP Magazine

Hambavu yo kwivuna abansi, barakora n’ibikorwa vy’iterambere!

Itoni zigera ku 160 z’amakara yahinguriwe mu ruganda rwabo, inyubakwa bakoreramwo basanuye, abaforoma 27 bigishijwe uko bobungabunga imiti bagura ngo ntipfe ubusa, kwitaho igiterwa c’akawa, kworora ibitungwa bitandukanye, ni bimwe mu vyaranguwe n’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi, hampande yo gukinga umutekano w’igihugu n’abenegihugu.

 Alain Tribert Mutabazi, umushikiranganji wo kwivuna abansi hamwe no kwitaho abahoze ku rugamba yabishikirije kuri uwu wa 26 mukakaro. Hari mu gihe yariko arashira ahabona ivyo ubwo bushikiranganji bwaranguye mu gice ca nyuma c’umwaka wa 2021 ushira uwa 2022.

Mu bindi yashikirije, yamenyesheje ko ubwo bushikiranganji bwagize uruhara mu kugwanya urudandazwa rwa magendo. Icavuyemwo ni uko ibitenge 162 vyafashwe, hatibagiwe ibiro 600 vy’ibiharage hamwe na 50 vy’ikawa. Ivyo vyose vyarashikirijwe ababijejwe. Ubwo bushikiranganji kandi bwarafashije mu kurwanya uburovyi butemewe n’amategeko mu kiyaga Tanganyika. Vyatumye igisirikare gifata insenga zingana 599, ubwato buroba budakwije ivya ngombwa 36, hamwe n’imisegetera 522.

No mu basirikare bari mu butumwa bwo kugarukana amahoro mu makungu, naho  mu bisanzwe ico bajejwe ubwa mbere ari ukugarukana umutekano, n’agatima ko gufasha barakamana. Uwo mushikiranganji yasiguye ko hampande yo kubacungira umutekano, abasirikare b’abarundi bari mu butumwa muri Somaliya baronkeje ibifungurwa hamwe n’amazi ababa mu turere twa Maslah  na Towfik. Baranavuye abarwayi b’abanya Somaliya barenga 370 bo mu burere bariko baranguriramwo imirimo.

Ariko rero, ngo naho ubwo bushikiranganji bwaranguye ivyo bwategerezwa ku rugero rwa 95 %, hari ibikibuhanze. Muri vyo harimwo ubukene bw’ibikoresho, hamwe n’ivyo bafise bishaje bikeneye gusubirizwa. Ngo hariho n’ukuntu uburyo bwo gukora imigambi yo mu bushikiranganji buteba, bigaca bituma bacerwa kurangiza ivyo baba biyemeje.

 

 

 




Leave a Reply

Your email address will not be published.